Zaburi10
1Ni kuki wihagarariye kure, ewe Uhoraho?Ni kuki winyegeza mu gihe c’ivyago?2Umunyakibi mu bwibone bwiwe ahiga abanyantegenke,abafashwe mu mitego yateze.3Yirata ivyo yipfuza mu mutima wiwe;ashima uwipfuza inyungu mbi agakengera Uhoraho.4Umunyakibi mu bwishime bwiwe ntarondera Imana;mu vyiyumviro vyiwe nta kibanza afitiye Uhoraho.5Ivyo akora vyose vyama bitera imbere;atera akagere ivyagezwe vyawe;abansi biwe abahuhisha impwemu ziwe.6Yibwira mu mutima wiwe ati: “Nta kintu na kimwe kizonyiganyiza.”Arahira avuga ati: “Nta kibi kizonshikira.”7Akanwa kiwe kuzuye imivumo, ibinyoma n’imihigo;ivyago n’ibibi biri musi y’ururimi rwiwe.8Abunda i ruhande y’imihana;akavunduruka aho abunze yica umugororotsi.Amaso yiwe arabira mu mpisho abo agomba kwica;9abunda afise ico ateze nk’intambwe.Abundira gufata abatagira gitabara;afata abatagira gitabara maze akabakwegera mu mutego wiwe.10Abatagira gitabara baratemba, akabafyonyora;bakagwa musi y’ububasha bwiwe.11Yibwira mu mutima wiwe ati: “Imana ntizobibona;yipfutse mu nyonga zayo nta co yigera ibona.”12Haguruka, Uhoraho! Ramvura ukuboko kwawe, ewe Mana.Ntiwibagire abatagira gitabara.13Ni kuki umunyakibi akengera Imana?Ni kuki yibwira mu mutima ngo:“Nta co izombaza?”14Ariko wewe, Mana, raba ivyago vy’abari mu mubabaro;witegereze uburibwe bwabo maze ivyabo uvyishinge.Abagirirwa nabi barakwituye;ni wewe utabara impfuvyi.15Vuna ukuboko kw’umunyakibi;hamagaza uwakoze nabi umuhanire ibibi yakozekugira ngo ntibisubire kuboneka.16Uhoraho ni Umwami ibihe bitazoshira;amahanga atamwubaha azohona mu gihugu ciwe.17Wewe, Uhoraho, wumva ivyo impahazwa zifuza;urabaremesha, ukumva ugutakamba kwabo,18ugutabara impfuvyi n’impahazwa,kugira ngo abantu buntuntibasubire kubatera ubwoba.
Biblica, Inc.