Zaburi8

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iririmbwa mu mudiho witwa gitite. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uhoraho Mana yacu,ese ingene izina ryawe ari iry’icubahiro mw’isi yose!Washize icubahiro cawehejuru y’amajuru.2Mu kanwa k’abana bato n’inzoyani ho washinze igihome gikinga abansi bawe,ngo uzibe akanwa k’abansi bakugwanya.3Iyo niyumviriye ku majuru yawe,igikorwa c’intoke zawe,ukwezi n’inyenyeri,ivyo wewe washizeho,4mbega umuntu ni iki kugira ngo umwibuke,canke umwana w’umuntu ni iki kugira ngo umwiteho?
5Habuze gato ngo umunganye n’abamarayika;kandi wamwambitse ubwiza n’icubahiro.6Wamugize uwo kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe;washize vyose musi y’ububasha bwiwe:7imikuku yose n’amasho,n’ibikoko vyo mw’ishamba,8inyoni zo mu kirere,n’amafi yo mu kiyaga,ibigendera mu mazi yo mu biyaga vyose.
9Uhoraho, Mana yacu,ese ingene izina ryawe rihambaye mw’isi yose!

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e