Zaburi88

Ni indirimbo. Ni Zaburi ya bene Kora. Yahawe umukuru w’abaririmvyi mw’ijwi ryitwa Mahalati Leyanoti. Ni masikili ya Hemani Umunyazirahi.

1Uhoraho, uri Imana inkiza;ndagutakambira ku murango no mw’ijoro.2Icompa isengesho ryanje rigashika imbere yawe;tega ugutwi ugutakamba kwanje.
3Amagorwa arandengeyekandi ubugingo bwanje bwegereye urupfu.4Mparurwa mu bamanuka baja muri rwa rwobo;nabaye nk’umwe mu banyantegenke.5Nashizwe hamwe n’abapfuye,nk’abishwe barambaraye mu mva,abo utacibuka,abo utakibabara.
6Wanshize mu rwobo rw’i bwina,ahantu hacuze umwijima.7Uburake bwawe burandemereye;watumye imipfunda yawe indengera.8Wankuye mu bagenzi banje pfampfeutuma ndabasesema. Ndugaranywekandi sinshobora gusohoka;9amaso yanje ahumishijwe n’umubabaro.Imisi yose, ndakwambaza;ndagutarikira amaboko.10Mbega uzokwereka ibitangaza vyawe abapfuye?Mbega impwemu zabo zizozuka, ziguhimbaze?11Mbega urukundo rwawe ruzomenyekanishwa mu mva,n’ukwizigirwa kwawe ahantu h’abapfuye?12Ibitangaza vyawe, mbega bizomenyekanira ahantu h’umwijima,canke ibikorwa vyawe vyo kugororoka mu gihugu co kwibagiranwa?
13Ariko ndagutakambira, ewe Uhoraho;mu gitondo ugusenga kwanje kuza imbere yawe.14Ni igiki gitumye unta kure, ewe Uhorahoukampisha mu nyonga hawe?
15Kuva mu buto bwanje namye ndi mu mubabaro negereye urupfu;navukiye mu biteye ubwoba kandi ndihebuye.16Uburake bwawe bwanciyeko;ibiteye ubwoba vyawe biranyishe.17Birankikuza bukarinda bwira nk’imipfunda;vyandengeye impande zose.18Wankuyeko abagenzi n’ababanyi;umwijima ni wo wabaye umukunzi wanje wa hafi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e