Zaburi83
Ni indirimbo. Ni Zaburi ya Asafu.
1Mana, ntugume wihoreye;ntiwice ugutwi,ntugume wihoreye, ewe Mana!2Raba uko abansi bawe bakuye hasi,uko abakugwanya bagararije.3Bagira inama abantu bawe mu bugunge,bagira imigabo mibi abo ukunda cane.4Baravuga bati: “Nimuze tubamare baherengetere nk’igihugu,kugira ngo izina rya Isirayeli ntiribe ricibukwa.”5Bahuje umutima bagira imigabo;bigize akagwi ngo bakugwanye;6amahema ya Edomu n’ay’Abishimayeli,aya Mowabu n’ay’Abahaguri,7Abagebali, Abamoni n’Abamaleki,Abafilisitiya, n’abantu b’i Tiro.8N’ab’i Ashuri na bo bifatanije na bongo bahe inkomezi bene Loti.9Bagirire ivyo wagiriye Abamidiyani,nk’uko wagiriye Sisera na Yabini ku mugezi Kishoni,10bamwe bahonera muri Eni-Doribagacika nk’amase ku mbuga.11Abaganwa babo nubagirire nka Orebu na Zeyebu,abana b’umwami waho ubagire nka Zeba na Zalimuna,12bamwe bavuga ngo: “Reka tugende twigarurireuburagiro bw’Imana.”13Bahindure nk’agashururu, Mana yanje,ubagire nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga.14Nk’uko umuriro utongora ishambacanke imbeya z’umuriro zitongora imisozi,15abe ari ko ubakurikiza igihuhusi caweubateze ubwoba igihuhusi cawe.16Mu maso habo nihuzure ibiteterwe, Uhoraho,kugira ngo baze bakurondere.17Nibamaramare bicwe n’ubwoba ibihe vyose;barinde bapfa bari mu bimaramare.18Nibamenye ko wewe, wewe izina ryawe ari Uhoraho;ari wewe wenyene uri Iyisumbavyose kw’isi yose.Biblica, Inc.