Zaburi82
Ni Zaburi ya Asafu.
1Imana ivyagiye mu nama nkuru y’ubucamanza;icira imanza ibigirwamana:2iti: “Muzogeza ryari kuburanira abo gutsindwano kwerekeza urubanza ku banyakibi?3Nimuburanire abanyantegenke n’impfuvyi;muburane urw’umukene n’uwuhahazwa.4Mutabare umunyantegenke n’umukene;mubakure mu maboko y’umunyakibi.5Ibigirwamana nta co bizi, nta co bitahura.Bigendagenda mu mwiza;amatanguriro y’isi yose aranyiganyize.6Naravuze nti: ‘Muri imana’mwese muri abana b’Iyisumbavyose.7Ariko muzopfa nk’abantu buntu;muzogwa nk’uko abandi batware bose bagwa.”8Va hasi, ewe Mana, ucire urubanza isi,kuko amahanga yose ari umugabane wawe.Biblica, Inc.