Zaburi7

Ni Shigayoni ya Dawidi, iyo yaririmbiye Uhoraho yerekeye Kushi, Umubenyamini.

1Uhoraho Mana yanje, muri wewe ni ho mpungiye;untabare kandi unkize abampiga bose,2kugira ngo ntibantabagure nk’intambwengo bampimbaguremwo ibihimba ata wo kuntabara.
3Uhoraho Mana yanje, ninaba narakoze ivyo bavuga,hakaba hari icagira amaboko yanje;4ninaba nishuye ikibi umugenzi yankoreye iciza,canke naranyaze umwansi wanje ata nyanduruko,5umwansi wanje nampige maze anshikire;umureke ahonyangire ubugingo bwanje hasi,maze aryamike icubahiro canje mu mukungungu.
6Haguruka mu burake bwawe, ewe Uhoraho,ugwanye ubushangashirwe bw’abansi banje.Ikangure Mana yanje, uce urubanza.7Amahanga yose nagukikuze,maze uyaganze uvyagiye mw’ijuru.8Uhoraho, cira urubanza amahanga.Mburanira ewe Uhoraho, nk’uko ukugororoka kwanje kuri,nk’uko ubwizigirwa bwanje buri, ewe Iyisumbavyose.9Herengeteza ububi bw’umunyakibi,utabare umugororotsi;wewe Mana igororotse,wewe usuzuma ivyiyumviro n’imitima.
10Imana Musumbavyose ni yo nkinzo yanje,ni yo ikiza imitima igororotse.11Imana ni umucamanza agororotse,Imana yama yerekana uburake bwayo.12Umuntu natihana,Imana izokarisha inkota yayo;izofora umuheto wayo.13Yateguye ibigwanisho vyayo vyicayegeranije imyampi yayo yaka umuriro.
14Uwutwaye inda y’ikibiyibungenga ivyago, akavyara ikinyoma.15Uwimba ikinogo akakigira kirekire,ni we nyene akigwamwo.16Ivyago atera bimugarukako,kandi ububisha ategura bugwa ku mutwe wiwe.
17Nzoha ishimwe Uhoraho ku bw’ukugororoka kwiwe,nzotazira izina ry’Uhoraho Musumbavyose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e