Zaburi74

Ni masikili ya Asafu.

1Mana, ni kuki wadutaye igihe kirekire?Ni kuki uburake bwawe bwaziriringiye intama zo mu buragiro bwawe?2Niwibuke ihanga witoranirije kuva kera,ubwoko bw’iragi ryawe, wicunguriye;Umusozi Siyoni, aho wibera kera.3Hindukira ugendere iyo misaka y’igisagara iteye agahinda,urabe ingene umwansi yasanganguye ahera hawe.
4Abansi bawe bihereye akamo mu kibanza wahora uhuriramwo natwe;aho ni ho bashinze amabendera yabo.5Bakoze nk’abicira ibitibakoresheje incabiti, mw’ishamba.6Bamenaguye ivyabajwe vyosebakoresheje incabiti n’inyundo vyabo.7Baturiye ahera hawe barahasenyura;bahumanije ahera hagaragaza izina ryawe.8Bavuze mu mitima bati: “Turabaherengeteza bose!”Baturiye aho gusengera Imana hose mu gihugu.
9Nta bitangaza tukironka bivuye ku Mana;nta bavugishwa n’Imana bakirihokandi nta wuzi igihe ivyo bizomara.10Ewe Mana, Umwansi azogucokora gushika ryari?Abakugwanya bazokengera izina ryawe ibihe vyose?11Ni kuki ata co ukora, ukarera amaboko?Kura ukuboko kwawe mu mpuzu maze ubamare!
12Ariko Imana ni Umwami wanje kuva kera;azana agakiza kw’isi.
13Ni wewe waciyemwo kubiri ikiyaga kubera inkomezi zawe;wamenye imitwe y’igisizimwe co mu mazi menshi.14Ni wewe wamenaguye imitwe ya Leviyataniukayitanga ngo ibe ivyokurya vy’ibikoko vyo mu bugaragwa.15Ni wewe wuguruye amasoko n’imigezi;wakamije inzuzi z’ibihe vyose.16Umurango ni uwawe, n’ijoro na ryo ni iryawe;ni wewe washizeho izuba n’ukwezi.17Ni wewe washizeho imbibe z’isi;washizeho ici n’urushana.
18Niwibuke ingene umwansi yagucokoye, ewe Uhoraho,ingene abantu b’ibipfu bacokoye izina ryawe.19Ntutange intunguru imwe mu menyo y’ibikoko vyo mw’ishamba;ntiwibagire abagorwa bo mu bantu bawe ibihe vyose.20Niwibuke isezerano ryawe,kuko umuryano uri ahantu hose hari umwijima mu gihugu.21Ntureke abahahazwa ngo bagende bamaramaye;abakene n’abagorwa bahimbaze izina ryawe.22Va hasi, ewe Mana, wiburanire;niwibuke ingene ibipfu bigucokora bukarinda bwira.23Ntiwirengagize urwamo rw’abansi bawe,urwamo rwinshi rw’abakugwanya rurushirizaho kwiyongera.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e