Zaburi73

Ni Zaburi ya Asafu.

1Ni ukuri Imana ni nziza kuri Isirayeli,ku bafise imitima itanduye.
2Ariko jeho, ibirenge vyanje hari hasigaye gatoya bikanyerera;hari habuze gatoya ngatemba.3Kuko nagirira ishari abiboneaho nabona abanyakibi baguwe neza.
4Bibereyeho nk’abatagira ingorane;bafise amagara meza kandi barakomeye.5Imibabaro abandi bacamwo bobo ntibashikako;ntibashikirwa n’ivyago nk’abandi.6Ni co gituma ubwishime babwambaye mw’izosi nk’umugufu;umuryano bakawambara nk’impuzu.7Mu mitima yabo mibi havamwo ibigabitanyo,imigabo yabo mibi ntigira iherezo.8Baracokorana, bakavuga ivy’agahahazo;bavugana ubwibone amajambo y’agacinyizo.9Akanwa kabo kavuga nabi ivy’ijuru,indimi zabo zikihayagiza mw’isi.10Ni co gituma abantu babahindukirirabakiranguza amajambo yabo nk’uwunywa amazi.11Baravuga bati: “Imana yobimenya gute?Mbega Iyisumbavyose hari ico izi?”
12Uko ni ko abanyakibi bameze;bama baguwe neza, biyegeraniriza ubutunzi.
13Ni ukuri nta co nungutse mu kwirinda kwanduza umutima wanjeamaboko yanje agakaraba mu kudacumura.14Narababaye burinda bwira,kandi igitondo cose kikanzanira imibabaro.
15Iyo mba naravuze ntyo,mba narabaye umuguranyi w’abana bawe.16Igihe nagerageza gutahura ivyo vyose,vyarambabaje cane17gushika aho ninjiye ahera h’Imana;maze ntahura iherezo ryabo rya nyuma.
18Ni ukuri, ubashira ahantu hanyerera;ubakororera mu mahonero.19Bahona mu kanya isase,bakurwaho rwose bishwe n’ubwoba.20Bameze kurya kw’inzozi iyo umuntu yikanguye;aho uzovira hasi, ewe Mana,uzobatwenga nk’uko umuntu atwenga ivyo yaraye arose.
21Aho umutima wanje wababaraumutima wanje ukantunturiramwo,22nari igipfu n’inyoberwa;nari nk’igikoko imbere yawe.
23Ariko namana nawe imisi yose;umfashe ukuboko kw’i buryo.24Undongoza inama ungiriye,kandi hanyuma uzonjana mu bwiza bwawe.25Ni nde mfise mw’ijuru atari wewe?No mw’isi nta co mfise nipfuza atari wewe.26Umubiri wanje n’umutima wanje bishobora kugira intege nke,ariko Imana ni yo nkomezi z’umutima wanje,ni yo mugabane wanje ibihe bidashira.
27Abagiye kure yawe bazopfa rubi;uzohonya abaguteye ibitugu.28Ariko jeho, bimbereye vyiza kuba hafi y’Imana.Nagize Uhoraho Nyeninganji ubuhungiro bwanje;nzokwamamaza ivyo wakoze vyose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e