Zaburi75
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni mw’ijwi ryitwa “Ntuhonye.” Ni Zaburi ya Asafu. Ni indirimbo.
1Turaguhimbaza, Mana,turaguhimbaza, kuko Izina ryawe riri hafi yacu;ahantu hose abantu baganira ibitangaza wakoze.2Uravuga ngo: “Mu gihe nzoba nashinze,nzoca imanza mu bugororotsi.3Igihe isi izohinda agashitsi n’abari kuri yo,ni jewe nzofata inkingi zayo ndazikomeze.4Ku bibone ndavuga nti: ‘Ntimukirate,’n’abanyakibi nti: ‘Ntimukaduze amahembe yanyu.5Ntimukaduze amahembe yanyu mw’ijuru;ntimuvuge amajambo y’ubwibone.’ ”6Nta n’umwe wo mu buseruko canke mu burengero,canke ava mu bugaragwa yoshobora kwishira hejuru.7Imana ni yo ica imanza:icisha bugufi umwe, igashira hejuru uwundi.8Mu kuboko kw’Uhoraho hari igikombecuzuye umuvinyu ubiragira uturiranije;arawusuka, maze abanyakibi bose bo kw’isibakawiranguza gushika no ku mvuzo.9Ariko jeho, nzokwamamaza ibi bintu ibihe bidashira;nzoririmbira ishimwe ry’Imana ya Yakobo,10ni yo ivuga iti: “Nzovunagura amahembe y’abanyakibi bose,ariko amahembe y’abagororotsi azoshirwa hejuru.”Biblica, Inc.