Zaburi72

Ni iya Salomo.

1Igisha umwami guca imanza zibereye, ewe Mana,igisha umwana w’umwami ivyo kugororoka kwawe.2Ese yocira imanza abantu bawe mu bugororotsi,abanyamibabaro bo mu bantu bawe akabatunganiriza.
3Ese imisozi yozanira abantu bawe iterambere,n’udutumba tukazana ivyamwa vyo kugororoka.4Ese yogwanirira abanyamibabaro bo mu bantuagakiza abana b’umukene;akamara inkomezi umunyagahahazo.5Ese yohoraho igihe cose izuba rizoba rikiriho,igihe cose ukwezi kuzoba kukiriho uko urunganwe ruzogenda rukurakuranwa.6Ese yomera nk’imvura igwa kw’isi yumye,nk’imvura itosa isi.7Mu misi yiwe, ese abagororotsi boshurikan’iterambere rikagwira gushika ukwezi kutakiriho.
8Ese yoganza kuva ku kiyaga gushika ku kindino kuva ku ruzi Efurate gushika ku mpera z’isi.9Ese amoko aba mu bugaragwa yomwunamiraabansi biwe bakarigata umukungugu.10Ese abami b’i Tarushishi n’abo ku bizinga vya kurebomuzanira ivyo gusaba impore.Ese abami b’i Sheba n’i Sebabomuzanira ingabire.11Ese abami bose bomwunamirakandi amahanga yose amukorera.
12Kuko azokiza umukene amutakambiye,n’umunyamibabaro atagira gitabara.13Azogirira akagongwe umukene n’umunyantegenkeakize umukene amukure mu rupfu.14Azobatabara abakure mu gahahazo no mu muryano,kuko amaraso yabo ari ay’igiciro mu nyonga ziwe.
15Arakaramba!Ahabwe inzahabu z’i Sheba.Abantu bame bamusengerabamuhezagira burinde bwira.16Ese ingano zogwira mu gihugu cose;umuyange wazo ugahungabana ku dutwe tw’imisozi.Ese ibiti vy’ivyamwa vyoshurika nk’i Libanin’abantu mu bisagara bagatotahara nk’ivyatsi ku misozi.17Ese izina ryiwe ryokwamaho ibihe bidashira;rikamaho izuba rikiriho.Maze amahanga yose agahererwa umugisha muri we,kandi bazomwita uwahawe umugisha.
18Nihashimwe Uhoraho Imana, Imana ya Isirayeli,ni we wenyene akora ibitangaza.19Nihashimwe izina ryiwe ry’icubahiro ibihe bidashira;ese isi yose yokwuzura icubahiro ciwe.Amen kandi Amen.
20Aya ni yo majambo arangiza amasengesho ya Dawidi mwene Isayi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e