Zaburi71
1Muri wewe, Uhoraho, ni ho mpungiye;sinze nigere maramara.2Untabare undokore, ku bw’ukugororoka kwawe;ntega ugutwi maze unkize.3Umbere igitandara mpungiramwo,aho nama nirukira imisi yose.Tegeka ntabarwe,kuko ari wewe gitandara canje n’igihome kinkingira.4Mana yanje, undokore mu maboko y’abanyakibi,unkize ububasha bw’abantu babi b’ibirara.5Kuko uri ivyizigiro vyanje, Uhoraho Nyeninganji,ni wewe nizigira kuva nkiri muto.6Kuva nkivuka namye nisunga wewe;wankuye mu nda ya mama.Nzokwama ndaguhimbaza.7Nabaye akabarore kuri benshi;ni wewe buhungiro bwanje buhambaye.8Akanwa kanje kuzuye ishimwe ryawe,kavuga ubwiza bwawe bukarinda bwira.9Ntunshiburire kure mu gihe c’ubusaza bwanje;ntumpebe mu gihe ncitse intege.10Kuko abansi banje bangira inama mbi;abambundiye baja imigabo yo kunyica.11Baravuga bati: “Imana yamuhevye;mukurikire kugeza mumufashe,kuko ata wo kumutabara.”12Ntumbe kure, Mana yanje;tebuka, Mana, untabare.13Abanyagiriza nibahone bicwe n’ibimaramare;abagomba kunyicabambare ugucokorwa n’ibiteterwe.14Ariko jeho, nzokwamana ivyizigiro;nzogushima ubudahengeshanya.15Akanwa kanje kazovuga ibikorwa vyawe vyo kugororoka,mvuge ivyo gukiza wakoze burinde bwira;naho ntashobora kubivuga vyose.16Nzoza menyekanishe ivyo wakoze bihambaye; Uhoraho Nyeninganji,nzokwamamaza ivy’ukugororoka wakoze, wewe wenyene.17Kuva mu buto bwanje, Mana, waranyigishije,kugeza uwu musi ndacamenyekanisha ibihambaye wakoze.18No mu gihe c’ubusaza bwanje maze kumera imvi,ntuze umpebe, Mana yanje,kugeza menyesheje ubushobozi bwawe abo mu runganwe ruzoza,ibikorwa vy’inkomezi wakoze kubazovuka hanyuma.19Ukugororoka kwawe, ewe Mana, gushika mw’ijuru,wewe wakoze ibihambaye.Ni nde ameze nka we, Mana?20Naho wandetse ngo mbone amarushwa,menshi kandi arura,uzosubira kunsubizamwo intege;uzonkura i bwina mw’isiwongere ungarukane hejuru.21Uzokwongereza icubahiro canjewongere kundemesha.22Nzogushimisha inangakubera ukwizigirwa kwawe, Mana yanje;nzogushimisha ikembe,Ewe Uwera wa Isirayeli.23Iminwa yanje izosemerera ku bw’umunezeroaho nzoguhimbariza;jewe uwo warokoye.24Ururimi rwanje ruzovuga ibikorwa vyawe vyo kugororokaburinde bwira,kuko abagomba kungirira nabibamaramaye bakicwa n’isoni.
Biblica, Inc.