Zaburi70

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi. Ni ukwinginga.

1Mana, tebuka unkize;Uhoraho, tebuka untabare.
2Abagomba kunyicanibamaramare bakorwe n’isoni;abipfuza ko nohona bosenibasubizwe inyuma bateterewe.3Abambwira bati: “Aha! Aha!”basubire inyuma kubwo kumaramara.4Ariko abakurondera bosenibanezerwe bahimbarirwe muri wewe;abipfuza ugutabarwa kwawe bame bavuga bati:“Imana irahambaye!”
5Ariko jeho ndi umworo, kandi ndi umukene;nuze aho ndi vuba, ewe Mana.Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje;Uhoraho we, ntutebe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e