Zaburi69
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa “Ikirungu.” Ni iya Dawidi.
1Mana, nkiza,kuko amazi yaduze angeze mw’izosi.2Ndiko ndanyika mu kinogo cuzuye ivyondo,ata kinsama.Nshitse mw’idamba ry’amazi;imipfunda irantembanye.3Intege ziramperanye kubera gutabaza;umuhogo wanje urumye.Amaso yanje arenze i mutwe,mu kurindira Imana yanje.4Abanyanka ata nyandurukobaruta umushatsi wo ku mutwe wanje;benshi banyanka ata nyanduruko,kandi bashaka kunyica.Nategetswe kurihaivyo ntivye.5Mana, wewe urazi ubupfu bwanje;ukugabitanya kwanje ntiguhishijwe mu nyonga zawe.6Uhoraho, Uhoraho Mushoboravyose,abakwizigirantibamaramare kubera jewe.Mana ya Isirayeli,icompa abakuronderantibamaramare kubera jewe.7Kuko ncokorwa ku bwawe,kandi ibimaramare vyuzuye mu maso yanje.8Nabaye umunyamahanga mu muryango wanje,injabuka mu bana ba mama;9kuko ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro,kandi ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe.10Iyo nisonzesheje nkarira,bituma ncokorwa;11iyo nambaye amagunira,mba ndabihaye ngo bitwengere.12Abicara kw’irembo barantwenga,kandi ndi indirimbo y’imborerwa.13Ariko ni wewe nsenga, Uhoraho,mu gihe co kwemererwamwo nawe;mu rukundo rwawe rudashira, ewe Mana,unyishurishe agakiza kawe k’ukuri.14Ntabara unkure mu vyondo,ntundeke ngo nyike;nkiza abanyanka,unkure mw’ibenga15ntureke ngo imipfunda indengerecanke ngo idamba rimire miyonzwacanke ngo icobo kimire nkibona.16Nyishura, Uhoraho, ku bwo kugira neza kw’urukundo rwawe;mu rukundo rwawe rwinshi unyibuke.17Ntuhishe inyonga zawe umusavyi wawe;unyishure vuba, kuko ndi mu magorwa.18Nuze hano untabare;untabare ku bwo abampiga.19Urazi uburyo ncokorwa, ngateterezwa kandi nkamaramazwa;abansi banje bose bari imbere yawe.20Ugucokorwa kwavunye umutima wanjekandi kwansize ntagira gitabara;narondeye uwombabara, ariko nta n’umwe nabonye,narondeye abandemesha, ariko sinaronse n’umwe.21Basize ishano mu ndya zanjekandi bampaye inkarisha igihe nari nyotewe.22Ese imeza bashizwe imbere zobabera umutego;n’ubutunzi bwabo bukababera ikinogo co kugwamwo.23Reka amaso yabo ahume ntibashobore kubona,n’imigongo yabo yame ihetamye ibihe vyose.24Uburake bwawe nibubaziriringire;uburake bwawe bw’inkazi nibubashikeko.25Aho bahora nihasigare ari umusaka;ntihagire n’umwe aba mu mahema yabo.26Kuko bababaje abo wewe wakomerekejebongereza umubabaro ku bo wababaje.27Bacire urubanza ku bibi vyose bakoze;ntibagire ico baronka kivuye ku kugororoka kawe.28Bahanagurwe mu gitabu c’ubugingontibashirwe mu gitigiri c’abagororotsi.29Ariko jeho, umugorwa ndi mu marushwa;agakiza kawe, ewe Mana kankingire.30Nzohimbaza izina ry’Imana mu ndirimbondamuhe icubahiro mu mashimwe.31Ivyo bizohimbara Uhoraho kurusha ishuri,kurusha impfizi n’amahembe yayo n’ibinono vyayo.32Abakene bazobibona banezerwe;yemwe abarondera Imana, imitima yanyu nireme!33Uhoraho yumva abakenekandi ntakengera abantu biwe babaye inyagano.34Ijuru n’isi nibimuhimbaze,n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose,35kuko Imana izokiza Siyonikandi izosubira kwubaka ibisagara vy’i Buyuda.Maze abantu bazosubira kuhaba habegukire;36abana b’abasavyi bayo bazohegukira,kandi abakunda izina ryayo bazohaba.Biblica, Inc.