Zaburi68
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi. Ni Zaburi, kandi ni indirimbo.
1Imana nihaguruke, abansi bayo bose basanzare;abayanka bose nibahunge mu nyonga hayo.2Ese wobatumurira kure nk’umwotsi;nk’uko ishashara rishonga imbere y’umuriro,ese abanyakibi bohonera imbere y’Imana.3Ariko ese abagororotsi bohimbarwabakanezerererwa imbere y’Imana;ese bonezerwa bakuzura akamwemwe.4Nimuririmbire Imana, nimuririmbe mushima izina ryiwe,mutegure inzira y’uwugendera ku bicu;nimunezererwe imbere yiwe; izina ryiwe yitwa Uhoraho.5Ni we se w’impfuvyi, uwutabara abapfakazi,ni Imana iba ahera hayo.6Imana ishira inyakamwe mu miryango,isohora imbohe zikaririmba;ariko abagarariji bazoba ahagadutse.7Ewe Mana, igihe waja imbere y’ubwoko bwawe,igihe wagendagenda mu bugaragwa,8isi yaranyiganyize, amajuru arekura imvura,imbere y’Imana, Imana y’i Sinayi,imbere y’Imana, Imana ya Isirayeli.9Watanze imvura nyinshi, ewe Mana;wasubijemwo inkomezi umugabane wawe.10Ubwoko bwawe bwahagize aho kuba,mu kugira neza kwawe, ewe Mana, wagaburiye abakene.11Imana yatanze ijambo,abagore baryamamaza na bo bacika ingabo zikomeye:12Abami n’ingabo barahunze;abagore bibereye i muhira bagabura iminyago.13Mbere n’abiryamiye mu mpongore z’intama baronka ubwatsi,amababa y’inuma yanje asizwe ifeza,amoya yayo na yo asize inzahabu ikayangana.14Igihe Iyishoboravyose yirukana abami mu gihugu,vyari bimeze nka shelegi yaguye ku musozi Zalumoni.15Musozi Bashani, musozi w’ubwiza,Musozi Bashani, musozi w’udutwe twinshi,16ni kuki, ewe musozi w’udutwe twinshi, ugirira ishariumusozi Imana yatoranije ngo ivyagireko,aho Uhoraho ubwiwe azokwibera ibihe vyose?17Imikogote y’Imana ni ibihumbi bidaharurika,n’ibihumbi n’ibihumbi;Uhoraho aturutse i Sinayi aje ahera hiwe.18Aho waduga iyo hejuru,wajanye iminyago myinshi;wakiriye impano nyinshi mu bantu,no mu bagarariji;kugira ngo uhibere, wewe Uhoraho Mana.19Uhoraho ahimbazwe, Imana yo Mukiza wacu,atwikorerera imitwaro uko bukeye.20Imana yacu ni Imana ikiza;Uhoraho Nyeninganji ni we adukiza urupfu.21Ni ukuri Imana izomenagura imitwe y’abansi bayo,hamwe n’ibitsibo vy’umushatsi vy’abashishikara gukora ivyaha.22Imana iravuze iti: “Nzobazana ndabakuye i Bashani;nzobazana ndabakuye mw’idamba ry’ikiyaga,23kugira ngo ibirenge vyanyu bihonyore mu maraso y’abansi banyu,mu gihe indimi z’imbwa zanyu zizoronka umugabane wazo.”24Turabona abakugendaniye, ewe Mana,abagendaniye Imana yanje, Umwami wanje binjiye ahera hiwe.25Imbere hari abaririmvyi, bakurikiwe n’abacuraranzi;bari kumwe n’abigeme bavuza utugoma dutoduto.26Himbaza Imana muri mw’ikoraniro rinini;mutazire Uhoraho muri mw’ikoraniro rya Isirayeli.27Ehe umuryango mutoya wa Benyamini, ni wo ubarongoye,abaganwa ba Yuda n’ingabo zabo,n’abaganwa ba Zebuloni na Nafutali.28Hamagara ubushobozi bwawe, Mana;utwereke inkomezi zawe, Mana yacu, nk’uko wabikoze kera.29Abami bazokuzanira ingabiremu Ngoro yawe i Yerusalemu.30Kankamira ibikoko vyo mu marenga,amapfizi yo mu masho y’amahanga.Nibicishwe bugufi maze bizane imirava y’ifeza yo guhonga.Sanzaza amahanga anezerererwa intambara.31Intumwa zizoza zivuye muri Egiputa;I Kushi hazoca bugufi imbere y’Imana.32Nimuririmbire Imana, yemwe bwami bwo mw’isi,nimutazire Uhoraho,33uwugendera ahasuma ijuru, uwuganza amajuru,uwuturagara n’ijwi ry’inkomezi.34Nimumenyekanishe ubushobozi bw’Imana,igitinyiro ciwe kiri kuri Isirayeli,ubushobozi bwiwe buri mw’ijuru.35Ewe Mana, uteye ubwoba uri ahera hawe;Imana ya Isirayeli ni yo iha inkomezi abantu bayo.Imana ishimwe!Biblica, Inc.