Zaburi67

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Icurarangishwa ibicurarangisho vy’imirya. Ni Zaburi, kandi ni indirimbo.

1Ese Imana, yotugirira ubuntu ikaduhezagira,mu nyonga hayo tukaboneka dufise igikundiro;2kugira ngo inzira zawe zimenyekane kw’isi,n’agakiza kawe kamenyekane mu mahanga yose.
3Amoko naguhimbaze, ewe Mana;amoko yose naguhimbaze.4Ese amahanga yose yonezerwa akavuza impundu z’umunezero,kuko urongora abantu bose mu bugororotsiukarongora amahanga yose yo kw’isi.5Amoko naguhimbaze, ewe Mana;amoko yose naguhimbaze.
6Isi yimbuka ivyimburwa vyayo;ewe Mana, Mana yacu, duhe umugisha.7Ese Imana yoduha umugisha,kugira ngo abo ku mpera z’isi bose baze bayubahe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e