Zaburi66
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo kandi ni Zaburi.
1Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Imana impundu!2Muririmbe muhayagiza ubwiza bw’izina ryiwe;mumuririmbire ishimwe.3Mubwire Imana muti: “Ese ukuntu ibikorwa vyawe biteye ubwoba!Ubushobozi bwawe ni bwinshibutuma abansi bawe bakwunamira.4Isi yose irakwunamira;bakuririmbira ishimwe,bahimbaza izina ryawe.”5Nimuze murabe ivyo Imana yakoze,ibihambaye yakoreye abana b’abantu!6Ikiyaga yagihinduye isi humye,baciye mu kiyaga n’amaguru;nimuze tunezererwe muri we.7Aganza ibihe bidashira mu nkomezi ziwe,inyonga ziwe zihora ku mahanga;ntihagire abagarariji bahagurukira kumugwanya.8Yemwe moko mwese, nimuhimbaze Imana yacu,ijwi ryo kumuhimbaza nirisamirane;9yazigamye ubugingo bwacuyarinze ibirenge vyacu kunyerera.10Kuko wewe, Mana, wadusuzumye;waducishije mu ruganda nk’ifeza.11Wadushize mw’iboherouduhekereza imitwaro ku migongo yacu.12Waretse abantu ngo batugendereko;twaciye mu muriro no mu mazi,ariko wadushikanye ahantu h’umusesekara.13Nzoza mu Ngoro yawe nzanye ibimazi vyo guturirwa n’umuriro,kugira ngo nshitse ivyo nagusezeraniye;14amasezerano nasezeranishije akanwa kanje iminwa yanje ikabivugaca gihe nari mu vyago.15Nzogushikanira ibinuzen’ikimazi c’impfizi z’intama;nzoshikana impfizi n’impene.16Nimuze mwumvirize, yemwe abubaha Imana mwese;reka ndababwire ivyo yankoreye.17Narayitakambiye n’akanwa kanje;ishimwe ryayo ryari ku rurimi rwanje.18Iyo mba narahaye indaro icaha mu mutima wanje,Imana ntiba yaranyumvirije.19Ariko ni ukuri Imana yarumvirijemaze yumva ugusenga kwanje.20Imana ishimwe,itirengagije ugusenga kwanjecanke ngo inkureko urukundo rwayo!Biblica, Inc.