Zaburi65
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi. Ni indirimbo.
1Mana yacu, ubereye amashimwe uri i Siyoni;tuzoshitsa ivyo twagusezeraniye.2Wewe wishura amasengesho,abantu bose bazoza kuri wewe.3Aho twari turengewe n’ivyaha vyacu,waduhariye ibigabitanyo vyacu.4Hahiriwe abantu utoranyaukabiyegereza ngo babe mu rugo rw’Ingoro yawe.Duhagijwe n’ivyiza vyo mu nzu yawe,vyo mu Ngoro yawe yera.5Utwirura mu bikorwa biteye ubwoba vyo kugororoka,Mana Mukiza wacu,wewe vyizigiro vyo ku mpera z’isi zosen’ivy’ibiyaga vya kure,6waremesheje imisozi ubushobozi bwawe,wambaye inkomezi,7wewe wahojeje ukubomborana kw’ibiyaga,ugusuriranya kw’imipfunda yavyo,n’urwamo rw’amahanga.8Isi yose irahinda agashitsi kubera ibitangaza vyawe;bituma umutwenzi utambika, ahandi bukira,ugahamagara indirimbo z’umunezero.9Witwararika isi ukayivomerera;ukayuzuzamwo ubutunzi bwinshi.Imigezi y’Imana yuzuye amazingo uhe abantu ivyimburwa vy’ibinyantete,kuko ariko wabitegetse.10Wuzuza imivo yayo ukamenagura ibinonko;uyibombekesha imvura ugaha umugisha ivyimburwa vyayo.11Umwaka uwambika urugori ukoresheje ivyimburwa,aho uciye haba ubutunzi bwinshi.12Imisozi yumye yo mu bugaragwa yambaye ivyimburwa;uturambi watwambitse umunezero.13Imirambi yuzuyeko imikukun’ibiyaya vyuzuyemwo ingano;bivuza impundu y’umunezero bikaririmba.Biblica, Inc.