Zaburi64

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Mana yanje, urumva ijwi ryanje ninagutakambira;ukingire ubuzima bwanje kuko umwansi anteye ubwoba.
2Mpisha unkize inama z’abanyakibi,unkize imigabo mibi y’inkozi z’ikibi.3Bakarisha indimi zabo nk’inkotabatumbereza amajambo yabo mabi nk’imyampi yica.4Barasa uwutagira icaha bamwibundiye;bamutera atiteguye, badatinya.
5Baterana intege mu migambi yabo mibi,bakavugana ivy’imitego yo mu mpisho;bakavuga bati: “Ni nde abibona?”6Baja inama zo kurenganya abandi bakavuga bati:“Twagize umugambi mwiza!”Ni ukuri umutima w’umuntu uri n’ubugunge.
7Ariko Imana izobarasisha imyampi yayo;bazokubitwa hasi giturumbuka.8Azobasubiza ku mitwe amajambo yabo mabiabashitseko uguhona;abazobabona bose bazobazunguriza imitwe babacokora.9Abantu bose bazotinya;bazokwamamaza ibikorwa vy’Imanabatahure ivyo yakoze.
10Umugororotsi azonezererwa Uhorahoamuhungireko;abatunganye mu mitima bose bazomunezerererwa!

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e