Zaburi63

Ni Zaburi ya Dawidi. Yayirorimvye igihe yari mu bugaragwa bw’i Buyuda.

1Mana, ni wewe Mana yanje,ndakuronderana umwete;ndakunyotewe,ibiri muri jewe vyose birakwipfuza,ndi mu gihugu cumye kigadutsekitagira amazi.
2Narakubonye uri aheranitegereza ubwiza bwawe n’ubushobozi bwawe.3Kuko urukundo rwawe ari rwiza kurusha ubugingo,iminwa yanje izogushima.4Nzogutazira nkiriho,nzotarika amaboko yawe mw’izina ryawe.5Umutima wanje uzohazwa nk’uwariye ivyokurya biryoshe kurusha ibindi vyose;akanwa kanje kazoguhimbaza iminwa yanje ikuririmbire.
6Ndyamye ku buriri bwanje ndakwibuka;ndakwiyumvira iyo nteramye mw’ijoro.7Kuko uri umutabazi wanje,ndaririmbira musi y’igitutu c’amababa yawe.8Nzokwumirako;ukuboko kwawe kw’i buryo kuranseguye.
9Abagomba kunyica bazohona;bazomanuka baja i kuzimu.10Bazokwicishwa inkotabahinduke inyama z’imbwebwe.
11Ariko umwami azonezererwa mu Mana;uwirahira mw’izina ry’Imana azohimbarirwa muri we,ariko akanwa k’ababeshi kazozibwa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e