Zaburi59

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa “Ntuhonye.” Ni mikitamu. Ni igihe Sawuli yari yarungitse ingabo ngo babunde ku nzu ya Dawidi kugira ngo bamwice.

1Nkiza abansi banje, Mana;mbera igihome kinkingira abaje kuntera.2Nkiza inkozi z’ikibiukize ubugingo bwanje abarondera gusesa amaraso yanje.
3Raba uburyo bambundiye!Abantu b’ibirara bangira inama mbikandi ata gicumuro canke icaha nakoze, Uhoraho.4Nta kibi nakoze, ariko raba baje kuntera.Va hasi untabare; raba ibiriko biraba!5Yewe Uhoraho Mana Mushoboravyose,wewe Mana ya Isirayeli,banguka uhane amahanga yose;ntugirire impuhwe izo nkozi z’ikibi.
6Bagaruka bugorovye,bakuga nk’imbwa,bakazunguruka igisagara.7Raba ibiva mu kanwa kabo;amajambo ava mu minwa yabo ikarishe nk’inkota,maze bakiyumvira bati: “Ni nde atwumva?”8Ariko uzobatwengera mw’ijigo, Uhoraho;uzokankamira ayo mahanga yose.
9Ni wewe nkomezi zanje, ni wewe niteze;wewe, Mana, ni wewe gihome kinkingira,10Imana yanje nizigira.Imana izonja imbereizompa kwibonera uburyo abansi banje baneshwa.11Ariko ntubice, ewe Mana, wewe nkinzo yacu,kugira ngo ihanga ryanje ntiryibagire.Mu nkomezi zawe, barandurane n’imizimaze ubatsinde hasi.12Kubera ivyaha vy’akanwa kabo,kubera amajambo y’iminwa yabo,nibafatwe mu bwibone bwabo.Kubera ibitutsi n’ibinyoma bateguye,13batongoze uburake bwawe,ubatongore ntibabe bakiboneka.Ni ho bizomenyekana gushika ku mpera z’isiko Imana iganje mu ba Yakobo.
14Bagaruka bugorovye,bakuga nk’imbwa,bakazunguruka igisagara.15Bahunahuna barondera ico boryabakaboroga iyo badahaze.16Ariko jewe nzoririmba ivy’inkomezi zawe,mu gitondo nzoririmba ivy’urukundo rwawe;kuko uri igihome kinkingira,ubuhungiro bwanje mu gihe c’amagorwa.
17Ni wewe nkomezi zanje, ndakuririmbira ishimwe;Mana, wewe uri igihome kinkingira,Imana yanje nizigira.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e