Zaburi58

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa “Ntuhonye.” Ni mikitamu ya Dawidi.

1Mbega batware muvuga ivy’ukuri koko?Mbega mucira abantu imanza mudahengamye?2Oya, mu mitima yanyu mutumbereye ikibi,kandi amaboko yanyu yakoze ivy’umuryano kw’isi.
3No kuva bakivuka abanyakibi barazimiye;kuva mu nda za ba nyina babandanije inzira zabo zo kubesha.4Ubumara bwabo ni nk’ubumara bw’inzoka,ni nk’ubwo incira itumva yizivye amatwi,5itumva amajwi y’uwuyigunda,naho yoba ari umuhinga yabimogoreye gute.
6Vunagura amenyo yo mu kanwa kabo, ewe Mana;Uhoraho, menagura imibangabanga y’izo ntambwe!7Nibakamangane nk’amazi asheshwe kw’isi igadutse;nibafora umuheto, imyampi yabo ntishike kure.8Nibabe nk’igifyera kigenda kirayonga,nk’inda ikorotse itigeze ibona izuba.
9Imbere y’uko inkono zanyu zumva ubushuhe bw’amahwa yaka;yaba ay’umye canke mabisi;abanyakibi bazogurukanwa n’igihuhusi.10Abagororotsi bazonezerwa niwabahora,nibadibika ibirenge vyabo mu maraso y’abanyakibi.11Abantu bazovuga bati:“Ni ukuri abagororotsi bahawe ingero;ni ukuri hari Imana icira amateka isi.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e