Zaburi54

Yahawe umukuru w’abaririmvyi bavugira inanga. Ni masikili ya Dawidi. Ni igihe Abanyazifu bari bagiye kwa Sawuli bakavuga bati: “Mbega Dawidi ntiyinyegeje iwacu?”

1Mana, nunkize ku bw’izina ryawe;ngwanira ku bw’inkomezi zawe.2Mana, niwumve ugusenga kwanje;niwumvirize amajambo y’akanwa kanje.
3Abansi bibona baje kuntera;abicanyi bagomba kunyica;abantu batababaye Imana.
4Ni ukuri Imana ni yo mutabazi wanje;Uhoraho ni we anshigikira.
5Ikibi nigisubire ku bamvuga nabi;mu bwizigirwa bwawe nubasangangure.
6Nzogushikanira ikimazi n’umutima ubikunze;nzoshima izina ryawe, Uhoraho, kuko ari ryiza.7Wantabaye mu magorwa yanje yose,kandi amaso yanje yiboneye ukuneshwa kw’abansi banje.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e