Zaburi48

Ni indirimbo. Ni Zaburi ya bene Kora.

1Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa,mu gisagara c’Imana yacu, ku musozi wayo wera.
2Ni mwiza uteye igomwe,utera umunezero isi yose,Umusozi Siyoni ni nk’ubushorishori bwa Zafori,ni wo gisagara c’Umwami ahambaye.3Imana iri mu minara yawo;yiyerekanye ari yo gihome kiwukingira.
4Igihe abami baja hamwe,igihe baza kuhatera bose,5barawubonye baratangara;bafashwe n’ubwoba barahunga.6Guhinda agashitsi kwabafatiye aho,bafashwe n’ibise nk’ivy’umugore agira avyare.7Wabasambuye nk’ubwato bw’i Tarushishibusambuwe n’umuyaga uturutse mu buseruko.
8Nk’uko twavyumvise,ni ko twabisanzemu gisagara c’Uhoraho Mushoboravyose,mu gisagara c’Imana yacu:Imana irawukingiraibihe bidashira.
9Yewe Mana, turi mu Ngoro yawe,tuzirikana urukundo rwawe rudashira.10Yewe Mana, nk’uko izina ryawe riri,ishimwe ryawe rishika ku mpera z’isi;ukuboko kwawe kw’i buryo kwuzuye ukugororoka.11Umusozi Siyoni uranezerewe,imihana y’i Buyuda irahimbawekubera amateka yawe.
12Nimutembere i Siyoni, muhazunguruke,muharure iminara yaho,13mwihweze neza inzitiro zaho,murabe iminara yaho,kugira ngo muze mubibwireabo mu runganwe ruzoza.
14Kuko iyo Mana ari yo Mana yacu ibihe n’ibihe;ni yo izoturongora no gushika kw’iherezo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e