Zaburi47

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Ni Zaburi.

1Yemwe mahanga mwese, nimukome amashi;nimushire ijwi hejuru muvugirize Imana impundu.
2Kuko Uhoraho Musumbavyose ateye ubwoba,ni Umwami ahambaye aganza isi yose.3Yacishije bugufi amahanga musi yacu,amoko yayashize musi y’ibirenge vyacu.4Yadutoranirije umugabane wacu,ivyirato vya Yakobo, uwo yakunze.
5Imana iduze mu mashimwe,Uhoraho aduze mu majwi y’inzamba.6Nimuhimbaze Imana, nimuyihimbaze;nimuhimbaze Umwami wacu, nimumuhimbaze.7Kuko Imana ari Umwami aganza isi yose;nimumuririmbire Zaburi y’ishimwe.
8Imana iganje amahanga yose;Imana ivyagiye ku ntebe yayo yera y’ubwami.9Abaganwa b’amahanga bakoraniye hamwenk’abantu b’Imana ya Aburahamu,kuko abami bo mw’isi ari ab’Imana;ni yo ishizwe hejuru cane.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e