Zaburi43
1Ncira urubanza runkiza, ewe Mana yanje,uburane urubanza rwanjemfitaniye n’ihanga ritizigirwa.Ntabara unkize abo bantu,buzuye ubugunge n’ikibi.2Uri Imana, igihome kinkingira.Ni igiki kikumpebesheje?Ni igiki gituma mbayeho ngandaye,mpahazwa n’umwansi?3Ndungikira umuco wawe n’ukugira neza kwawe,bibe ari vyo bindongora;binshikane ku musozi wawe wera,aho uba.4Maze nzoja ku gicaniro c’Imana,ku Mana, yo munezero wanje n’ibihimbaro vyanje.Nzoguhimbarisha ikembe,ewe Mana, Mana yanje.5Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?Ni igiki gitumye umpagararamwo?Niwizigire Imana,kuko nzosubira kuyihimbaza,yo mukiza wanje n’Imana yanje.
Biblica, Inc.