Zaburi44
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Ni masikili.
1Mana, twavyumvishije amatwi yacu;ba sogokuruza baratubwiyeivyo wakoze mu bihe vyabo,mu misi ya kera.2Wirukanye amahanga n’ukuboko kwawemaze uzana ba sogokuruza bacu;wirukanye amokomaze utuma ba sogokuruza bacu basagarara.3Ntibaronse igihugu kubera inkota yabo,kandi ntibanesheje kubera amaboko yabo;kwari ukuboko kwawe kw’i buryo, ukuboko kwawe,n’umuco wo mu nyonga hawe, kuko wabakunze.4Uri Umwami wanje n’Imana yanje,urategeka maze Yakobo akaronka intsinzi.5Muri wewe ni ho dukinagiriza abansi bacu;mw’izina ryawe dusiribangira hasi abatugwanya.6Sinizigira umuheto wanje,inkota yanje si yo impa kunesha;7ariko ni wewe uduha kunesha abansi bacu,utuma abatugwanya bamaramara.8Twirata Imana bukarinda bwira,kandi tuzoguhimbaza ibihe vyose.9Ariko ubu raba wadutaye uratumaramaza;ntukijana n’ingabo zacu.10Watumye dusubiza imigongo inyuma imbere y’umwansi,kandi abansi bacu batunyaze urukomba amazi.11Waradutanze turatabagurwa nk’intamakandi wadusanzarije mu mahanga.12Wagurishije abantu bawe igiciro gitoya,nta co wungutse umaze kubagurisha.13Waduhinduye akamenyo ku babanyi bacu,turacokorwa, dutwengwa n’abadukikuje.14Waduhinduye iciro ry’umugani mu mahanga;abantu batuzunguriza imitwe.15Mba mu biteterwe bukarinda bwira,kandi mu maso hanje nuzuye ibimaramare16kubera abitwengera bankora kw’itama,kubera umwansi, ashaka kwihora.17Ivyo vyose vyatubayeko,naho tutari twakwibagiye;ntitwari twahonyanze isezerano ryawe.18Imitima yacu ntiyari yasubiye inyuma;ibirenge vyacu ntivyari vyanyereye ngo bive mu nzira yawe.19Ariko waratujanjaguye duhinduka umusaka w’imbwebwe;wadupfukishije umwijima w’umuzitanya.20Iyo tuba twaribagiye izina ry’Imana yacucanke tukagaranzurira ibiganza vyacu imana y’inyamahanga,21Imana ntiba yarabibonye,ko izi amabanga yo mu mutima?22Ariko twirirwa turicwa kubera wewe, bukarinda bwira;dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.23Ikangure, ewe Mana! Ni kuki usinziriye?Va hasi! Ntuduhebe ibihe bidashira.24Ni kuki uduhisha mu nyonga haweukibagira amagorwa tugowe n’agahahazo turimwo?25Ducishijwe bugufi gushika mu mukungugu;imibiri yacu irambaraye hasi.26Va hasi udutabare;udutabare kubera urukundo rwawe rudashira.Biblica, Inc.