Zaburi39
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni Zaburi ya Dawidi.
1Naravuze nti: “Nzocungera inzira zanjendinde ururimi rwanje icaha;nzoshira umurinzi ku munwa wanjendi imbere y’umunyakibi.”2Ni co gituma nagumye mu gacerere,ata n’iciza mvuga.Ariko umubabaro wanje warongerekana;3umutima wanje waranshongeramwo.Nkiriko ndavyiyumvira, umuriro waraka;maze mvugisha ururimi rwanje nti:4“Uhoraho, nyereka iherezo ry’ubuzima bwanjen’igitigiri c’imisi yanje;umpe kumenya ko ubuzima bwanje bumara akanya gato.5Wahinduye imisi y’ukubaho kwanje uyinganya n’ikiganza gusa;ikiringo c’imyaka yanje ni nk’aho ari ubusa kuri wewe.Umuntu wese ni nk’impwemu zihumetswe gusa,no ku baboneka ko bakingiwe.6Ni ivy’ukuri umuntu wese agenda nk’igitutu gusa;birukira ubusa, barondera ubutunzibatazi uwuzobutahira kw’iherezo.7Ariko noneho ubu ndondera iki, ewe Mana?Ivyizigiro vyanje biri muri wewe.8Nkiza ibigabitanyo vyanje vyose;ntumpindure agatwengo k’ibipfu.9Nari ncereje; sinakurako umunwa,kuko ari wewe wakoze ivyo.10Nkurako ikimoko cawe;kuko nseserejwe cane n’inkoni zawe.11Iyo uhanye ugakubita abantu kubera icaha cabo,urya ubutunzi bwiwe nk’umuswa;ni ukuri bose ni impwemu zihumetswe gusa.12Niwumve ugusenga kwanje, ewe Uhoraho,wumvirize ugutakamba kwanje;ntiwizibe amatwi ngo woye kwumva amarira yanje.Mbana nawe nk’umunyamahanga,nk’injabuka, nk’uko ba sogokuru banje bari bari.13Raba hirya, kugira ngo nsubire kunezererwa ubuzimantaragenda ngo sinze nongere kubaho.”Biblica, Inc.