Zaburi38

Ni Zaburi ya Dawidi. Ni isengesho.

1Uhoraho, ntumpanane ishavucanke ngo unkubitane uburake.2Imyampi yawe irantobekeranije,kandi ukuboko kwawe kwaramanukiye.3Muri jewe nta hazima kubera uburake bwawe;no mu magufa yanje sinikoma kubera icaha canje.4Ukugabitanya kwanje kurandengeyekwabaye nk’umuzigo ntashobora kwikorera.
5Ibikomere vyanje birasebuye kandi biranukakubera ivyaha vyanje vy’ubupfu.6Ncishijwe bugufi cane ndahetamye;ngenda ngandaye bukarinda bwira.7Umugongo wanje wuzuye ububabare bwinshi;nta na hamwe nikoma.8Mfise intege nke, ndavunaguritse;ngenda ngandaye mu mutima.
9Ivyo nipfuza vyose biri imbere yawe, ewe Mana;ukuniha kwanje ntuguhishijwe.10Umutima wanje urahagaze, ncitse intege;mbere n’amaso yanje ntagira umuco.11Abagenzi banje n’abo twagendana bampevye kubera ibikomere vyanje;ababanyi banje bahagarara kure yanje.12Abagomba kunyica banteze imitego,abagomba kungirira nabi bangira inama yo kunyica;bavugana ibinyoma umusi wose bukarinda bwira.
13Meze nk’igipfamatwi, kidashobora kwumva,nk’ikiragi, kidashobora kuvuga;14nabaye nk’uwutumva,uwo akanwa kiwe kadashobora kwishura.15Uhoraho we, ni wewe ndindiriye;uzokwishura, Mwami Imana yanje.16Kuko navuze nti: “Ntubareke ngo banyitambe ku muvyimbacanke ngo banezerwe ninagwa hasi.”
17Kuko ngira ngwe hasi,kandi umubabaro wanje ugumana nanje na ntaryo.18Ndatuye ukugabitanya kwanje;mbujijwe amahoro n’icaha canje.19Benshi bahindutse abansi banje ata nyanduruko;abanyanka ata nyanduruko babaye benshi.20Abanyishura ibibi ku vyiza nabagiriyebazanye ibirego bandega,naho jewe ndazwa ishinga no gukora ivyiza gusa.
21Uhoraho ntumpebe;ntube kure yanje, Mana yanje.22Tebuka untabare,Mwami wanje kandi Mukiza wanje.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e