Zaburi37
Ni iya Dawidi.
1Ntuhagarikwe umutima n’abanyakibicanke ngo wipfuze ivy’abakora ibibi;2kuko bagiye gutemwa nk’ubwatsi vuba,bazokwuma nk’uko ivyatsi vyuma.3Wizigire Uhoraho ukore ivyiza;guma mu gihugu unezerererwe uburagiro bwiza.4Uhimbarwe n’Uhoraho,na we azoguha ivyo umutima wawe wipfuza.5Wegurire Uhoraho inzira yawe;umwizigire na we azobishitsa:6Azotuma ingero yawe yo kugororoka ikayangana nk’umutwenzi,n’urubanza rwawe nk’izuba ryo mu mashoka.7Utekerereze imbere y’Uhorahoumurindire wihanganye;ntuze ubabare abantu nibatunganirwa mu nzira zabo,nibashira mu ngiro imigambi yabo mibi.8Reka ishavu, va mu burake;ntushangashirwe; vyotuma ukora nabi.9Kuko abanyakibi bazohona,ariko abizigira Uhoraho bazoragwa igihugu.10Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabe akibaho;uzomurondera ariko ntuzomubona.11Ariko abaciye bugufi bazoragwa isibanezerererwe amahoro n’ukugubwa neza.12Umunyakibi agirira imigabo mibi umugororotsiakamuhekenyera amenyo;13ariko wewe Mana atwengera mw’ijigo umunyakibi,kuko azi ko umusi wiwe ushitse.14Umunyakibi asokoye inkotakandi afoye umuhetongo atsinde hasi umworo n’umukene,ngo yice uwugenda atunganye mu nzira ziwe.15Ariko inkota yiwe izosogota umutima wiwe bwite,n’umuheto wiwe uzovunika.16Kuba umugororotsi no gutunga bikebiruta kuba umunyakibi afise ubutunzi bwinshi;17kuko inkomezi z’umunyakibi zizovunagurwa,ariko Uhoraho ashigikiye umugororotsi.18Inyankamugayo zimara imisi yazo zishigikiwe n’Uhoraho,kandi ivyo zarazwe bizokwamaho ibihe vyose.19Mu bihe vy’ivyago ntibazokabirana;no mu gihe ca kigoyi bazonezererwa umusesekara.20Ariko umunyakibi azohona:naho abansi b’Uhoraho bameze nk’amashurwe yo ku misozi,bazotongorwa batumuke nk’umwotsi.21Umunyakibi aragurana ntasubize,ariko umugororotsi atanga ivyo ubuntu;22abahawe umugisha n’Uhoraho bazoragwa igihugu,ariko abavumwe na we bazohona.23Uhoraho akomeza intambukoz’uwumwishimira;24naho yotsitara, ntazogwa hasi,kuko Uhoraho amushigikije ukuboko kwiwe.25Kuva ndi muto kugeza ubu nshaje,sinigeze mbona umugororotsi yatawecanke abana biwe basegerereza ivyokurya.26Yama atanga ivyo ubuntu akaguranira kutaziga inyungu;abana biwe bazoba umugisha.27Va mu bibi ukore ivyiza;ni ho uzoba mu gihugu ibihe bidashira.28Kuko Uhoraho akunda uwutunganyekandi ntazohemukira abizigirwa biwe.Abakora ibibi bazohona rwose;uruvyaro rw’umunyakibi ruzohona.29Umugororotsi azoragwa igihuguakibemwo ibihe vyose.30Akanwa k’umugororotsi katura ivy’ubwenge,n’ururimi rwiwe ruvuga ibitunganye.31Ivyagezwe vy’Imana yiwe biri mu mutima wiwe,ibirenge vyiwe ntibizonyerera.32Umunyakibi abundira umugororotsi,agomba kumwica.33Yamara Uhoraho ntazomurekurira mu maboko yiwecanke ngo amureke atsindwe niyaja imbere y’intahe.34Wizigire Uhorahougume mu nzira yiwe.Azogushira hejuru uragwe igihugu,abanyakibi bazohona ubiraba.35Nabonye umunyakibi w’umwicanyiasagarara nk’igiti gitotahaye,36ariko yarazimanganye ntiyaba akiboneka;naho namurondeye, ntiyari akiboneka.37Witegereze uwutagira umugayo, urabe uwutunganye;kazoza keza karindiriye abarondera amahoro.38Ariko abanyavyaha bazopfa;nta kazoza ku munyakibi.39Agakiza k’abagororotsi kava k’Uhoraho;ni we gihome kibakingira mu bihe vy’amagorwa.40Uhoraho ni we abatabara akabarokora;akabarokora mu maboko y’abanyakibi akabakiza,kuko bamuhungiyeko.Biblica, Inc.