Zaburi21

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Umwami anezerererwa inkomezi zawe, ewe Uhoraho.Ese ingene umunezero wiwe ari mwinshi ku bw’intsinzi nyinshi umuha!
2Wamuhaye ico umutima wiwe wipfuzakandi ntiwamwimye ico iminwa yiwe yasavye.3Waje kumuramutsa umuzaniye imigisha myinshikandi wamwambitse ku mutwe urugori rw’inzahabu iramuye.4Yagusavye ubuzima, na we urabumuha;ni kwo kuramba kw’ibihe bidashira.5Ku bw’intsinzi nyishi wamuhaye, icubahiro ciwe cabaye cinshi;wamushizeko ubwiza n’igitinyiro.6Ni ukuri wamuhaye imigisha idashirakandi wamuhaye guhimbarirwa no kuba mu nyonga zawe.7Kuko umwami yizigira Uhoraho;ari mu rukundo rudashira rw’Iyisumbavyose,ntazonyiganyizwa.
8Ukuboko kwawe kuzofata mpiri abansi bawe bose;ukuboko kwawe kw’i buryo kuzocakira abansi bawe.9Niwaseruka mu rugamba,uzobatongora bose nk’uwubaturira mw’itanure.Uhoraho azobamira miyonzwa mu burake bwiwe,kandi umuriro wiwe uzobatongora.10Uzoherengeteza uruvyaro rwabo kw’isi,ababakomokako bazokurwa mu bana b’abantu.11Naho bakugirira inama mbibakagira imigambi mibi kuri wewe, nta co bazoshikako.12Uzotuma basubiza umugongo inyumaniwabatumberezako umuheto wawe ufoye.
13Ushirwe hejuru mu nkomezi zawe, ewe Uhoraho;tuzoririmba dushima inkomezi zawe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e