Zaburi20

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uhoraho akwishure ku musi w’amagorwa;izina ry’Imana ya Yakobo rikurinde.2Akurungikire ugutabarwa kuva ahera hiwe,agushigikire ari i Siyoni.3Niyibuke ibimazi vyawe,yemere amashikanwa yawe yose.4Aguhe ico umutima wawe ushakaimigambi yawe yose ije mu ngiro.5Tuze turirimbishwe n’umunezero niwaneshatuduze amabendera yacu mw’izina ry’Imana yacu.Uhoraho akwishure ivyo wamusavye vyose.
6Ubu ni ho nkimenya:Uhoraho aha intsinzi uwo yarobanuje amavuta.Amwishura ari ahera hiwe mw’ijuruakamwishurisha inkomezi zo kunesha zo mu kuboko kwiwe kw’i buryo.7Bamwe bishimira imikogote abandi bakishimira amafarasi yabo,ariko tweho twizigira izina ry’Uhoraho Imana yacu.8Bacishijwe bugufi baratemba,ariko twebwe tuvuye hasi turashikama.9Uhoraho, uhe umwami intsinzi!Kandi utwishure nitwakwambaza!

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e