Zaburi19

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Amajuru yamamaza ubwiza bw’Imana;ibirere bimenyesha igikorwa c’intoke ziwe.2Umurango ubibwira uwundi murango;ijoro rikabimenyesha irindi joro.3Ntibisohora ijwi canke amajambo;nta jwi ryavyo ryumvikana.4Ariko inkuru yavyo yumvikanye mw’isi yose;kandi ivyo vyavuze vyashitse ku mpera z’isi.Imana yashingiye ihema izuba iyo mw’ijuru.5Rimeze nk’umukwe asohotse ava mu cumba ciwe,rimeze nka rurangiranwa mu kwiruka anezerererwa uguhiganwa kwiwe.6Riserukira ku mpera imwe y’ijururikagenda urugendo rwaryo rija ku yindi mpera;nta kintu na kimwe kidashikirwa n’ubushuhe bwaryo.
7Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye,bisubiza intege mu mutima.Ivyo Uhoraho yageze ni ivyo kwizigirwa,biha umunyabwengebuke ubwenge.8Ivyo Uhoraho yihanikirije ni ivyo kuri,binezereza umutima.Ivyo Uhoraho yashinze birakayangana,bimurikira amaso.9Kwubaha Uhoraho biratunganye,guhoraho ibihe vyose.Ivyo Uhoraho yategetse birashikamye,kandi vyose biragororotse.
10Bifise agaciro kurusha inzahabu,kurusha inzahabu iramuye;bisosa kurusha ubuki,kurusha ubuki buvuye mu kimamara.11Muri vyo ni ho umusavyi wawe aburirwa;kuvyitondera bifise impera nyinshi.12Ariko ni nde yoshobora kwimenyako amakosa?Umparire ivyaha vyanyinyegeje.13Urinde kandi umusavyi wawe ivyaha vy’akagagazo;ntibinganze.Ni ho nzoba uwutagira umugayo,ntagirizwa ukugabitanya guhambaye.
14Aya majambo yo mu kanwa kanjen’uku kurimbura kw’umutima wanjebibe ibihimbara mu nyonga zawe, Uhoraho, Gitandara canje, Mucunguzi wanje.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e