Zaburi146

1Haleluya.Mutima wanje, himbaza Uhoraho.
2Nzohimbaza Uhoraho ubuzima bwanje bwose;nzoririmba izo guhimbaza Imana yanje nkiriho.3Ntimukishimire abahambaye,canke abana b’abantu, badashobora gukiza.4Iyo impwemu yabo ibavuyemwo, basubira mw’ivu,kuri uwo musi nyene imigambi yabo igahinduka ubusa.5Hahiriwe abahungira ku Mana ya Yakobo,ivyizigiro vyabo bikaba k’Uhoraho Imana yabo.
6Ni we yaremye ijuru n’isi,ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose;aguma ari umwizigirwa ibihe bidashira.7Ni we aburanira abacinyizwaakagaburira abashonje.Uhoraho ni we abohora imbohe,8Uhoraho ni we ahumura impumyi,Uhoraho ni we ashira hejuru abaciye bugufi,Uhoraho ni we akunda abagororotsi.9Uhoraho azigama inyambukiraagashigikira impfuvyi n’umupfakazi,ariko inzira z’abanyakibi arazigoramika.
10Uhoraho aganje ibihe bidashira,Imana yawe, ewe Siyoni,iraganje uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.Haleluya.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e