Zaburi145
Ni Zaburi yo gushima. Ni iya Dawidi.
1Nzogushira hejuru, Mana yanje, wewe Mwami;nzohimbaza izina ryawe ibihe bidashira.2Imisi yose nzoguhimbazanshire hejuru izina ryawe ibihe n’ibihe.3Uhoraho arahambaye kandi abereye gushimwa;nta n’umwe yomenya ubukuru bwiwe.4Urunganwe rubwira urundi ivyiza wakoze;bavuga ivy’inkomezi wakoze.5Bavuga ugukayangana kw’ubwiza bw’icubahiro cawe;nanje nzorimbura ibikorwa vyawe bitangaje wakoze.6Bavuga ivy’ubushobozi bw’ibihambaye wakoze;nanje nzokwamamaza ibikorwa vyawe bihambaye.7Bazohimbaza ukugira neza kwawe kwinshi,baririmbane umunezero ivy’ukugororoka kwawe.8Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu,ateba kuraka akagira urukundo rwinshi.9Uhoraho agirira bose neza;agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.10Uhoraho, ibikorwa vyawe vyose biraguhimbaza;abizigirwa bawe bagushira hejuru.11Bavuga icubahiro c’ubwami bwawekandi bavuga ivy’inkomezi wakoze,12kugira ngo abantu bose bamenye ibikorwa vyawe bihambayen’ugukayangana kw’ubwiza bw’ubwami bwawe.13Ubwami bwawe ntibuzogira iherezo,n’ukuganza kwawe guhoraho uko urunganwe ruzokuranwa n’urundi.Uhoraho ni uwo kwizigirwa mu vyo asezerana vyosekandi ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.14Uhoraho ashigikira abaguye,akavyura abacishijwe bugufi.15Bose baguhanga amaso,nawe ukabahaza ivyokurya mu gihe gikwiye.16Upfundurura ikiganza caweugahaza ukwipfuza kw’ibiri n’ubuzima vyose.17Uhoraho aragororotse mu nzira ziwe zosekandi ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.18Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose,abamwambaza mu kuri bose.19Ashitsa ivyo abamwubaha bipfuza;yumva ugutakamba kwabo maze akabakiza.20Uhoraho azigama abamukunda bose,ariko abanyakibi azobahonya.21Akanwa kanje kazovuga ivyo guhimbaza Uhoraho.Ivyaremwe vyose nibihimbaze izina ryiwe ryeraibihe bitazoshira.Biblica, Inc.