Zaburi147

1Haleluya.Ese ukuntu ari vyiza guhimbaza Imana yacu,ese ukuntu bihimbaye kandi bibereye kuyihimbaza!
2Uhoraho yubaka Yerusalemu;yegeranya aba Isirayeli bari barashwiragiye.3Akiza abafise imitima imenetseagapfuka inguma zabo.4Aharura igitigiri c’inyenyeriagahamagara imwimwe yose mw’izina.5Umwami wacu arahambaye kandi ni umuhizi mu nkomezi:ugutahura kwiwe ntikugira akarimbi.6Uhoraho ashigikira abaciye bugufiagacisha bugufi abanyakibi akabashitsa hasi.
7Nimuririmbire Uhoraho indirimbo yo gushima;nimucurarangire inanga Imana yacu.
8Apfukisha ijuru ibicu;agaha isi imvuraakameza ivyatsi ku turambi.9Ategurira amasho ivyokuryan’ivyana vy’ibikona iyo bijwiragiye.
10Ntahimbarwa n’inkomezi z’ifarasi,canke ngo yishimire amaguru y’umuhizi;11Uhoraho ahimbarwa n’abamwubaha,abishimira urukundo rwiwe rudashira.
12Nushime Uhoraho, ewe Yerusalemu;uhimbaze Imana yawe, ewe Siyoni.
13Ni we akomeza imyugariro yaweagaha umugisha abantu baba muri wewe.14Atanga impore ku mbibe zawe,akaguhaza ingano nziza cane.
15Atuma amabwirizwa yiwe kw’isi,ijambo ryiwe rikagenda rinyaruka.16Akwiragiza shelegi nk’ubwoya bw’intama,ugukanya akagusanzaza nk’umunyota.17Arekura urubura rwiwe nk’amabuye.Ni nde yoshobora kurinda imbeho yiwe?18Atuma ijambo ryiwe ngo riyashongeshe;atuma umuyaga wiwe, amazi agashonga.
19Yahishuriye Yakobo ijambo ryiwe,ivyagezwe vyiwe n’amategeko yiwe yabihishuriye Isirayeli.20Nta rindi hanga na rimwe yakoreye nk’ivyo;ntibazi ivyagezwe vyiwe.Haleluya.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e