Zaburi144
Ni iya Dawidi.
1Uhoraho igitandara canje ahimbazwe,yigisha amaboko yanje kugwana,n’intoke zanje kuja mu ntambara.2Ni Imana yanje y’urukundo n’igihome kinkingira,umunara nihishamwo n’umurokozi wanje,inkinzo yanje, uwo mpungirako,acisha bugufi amoko musi y’ibirenge vyanje.3Uhoraho, abantu ni iki aho ubitwararika,canke abana b’abantu aho ubiyumvirako?4Bameze nk’impwemu zihumetswe;imisi yabo ni nk’igitutu kirengana gusa.5Uhoraho, ugurura ijuru ryawe, umanuke kw’isi;kora ku misozi, kugira ngo ipfunduke umwotsi.6Rungika umuravyo usanzaze umwansi;rasa imyampi yawe ubasanzaze.7Ramvura ukuboko kwawe uri iyo mw’ijuru;untabare undokoreunkize amazi asuriranya,unkure mu kuboko kw’abanyamahanga;8akanwa kabo kuzuye ibinyoma,amaboko yabo y’i buryo arimwo ivy’ubugunge.9Mana yanje, nzokuririmbira indirimbo nsha,nzogucurarangira inanga y’imirya cumi,10wewe uha abami intsinzi,ugakiza umusavyi wawe Dawidi inkota yica.11Ndokora untabare;unkure mu maboko y’abanyamahangaakanwa kabo kuzuye ibinyoma,amaboko yabo y’i buryo ni ingunge.12Maze abahungu bacu, mu buto bwabo,bazomera nk’imivyaro yatabiwe neza,abakobwa bacu na bo bazoba nk’inkingizabarijwe gushariza ikirimba.13Ibigega vyacu bizokwuzuraivyimburwa vy’ubwoko bwose.Intama zacu zizogwira incuro ibihumbi,incuro ibihumbi cumi ziri ku misozi yacu;14inka zacu zizokwega imitwaro iremereye.Nta birengero bizoba mu mpome zacu,nta bazojanwa nk’inyagano,nta bazoniha bari mu mayira yacu.15Hahiriwe ihanga ibi bizoshikako;hahiriwe ihanga rifise Uhoraho nk’Imana yaryo.Biblica, Inc.