Zaburi13

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uzogeza ryari, ewe Uhoraho? Mbega uzonyibagira ibihe bidashira?Uzogeza ryari kumpisha mu nyonga hawe?2Nzogeza ryari kwama ngwana n’ivyiyumviro vyanjeno kwama mfise umubabaro wo mu mutima ku musi ku musi?Umwansi wanje azogeza ryari kunyitamba ku muvyimba?
3Ndaba maze unyishure, ewe Uhoraho Mana yanje.Umurikire amaso yanje, kugira ngo sinsinzirire mu rupfu,4maze umwansi wanje akavuga ati: “Ndamunesheje,”abangwanya bakanezerezwa n’uko ntevye.
5Ariko nizigiye urukundo rwawe rudashira;umutima wanje unezerererwa agakiza kawe.6Nzoririmba ishimwe ry’Uhoraho,kuko yangiriye neza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e