Zaburi12

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Sheminite. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Tabara, ewe Uhoraho, kuko ata mwizigirwa agisigaye;abizigirwa baheze mu bantu.2Umuntu wese ahenda mugenziwe;bahendanisha iminwa yaboariko imitima yabo yuzuye ubugunge.
3Icompa Uhoraho akazibiza iminwa ihendanan’ururimi rwose rwishira hejuru.4Bavuga bati:“Tuzotsinda ku bw’indimi zacu;iminwa yacu ubwacu ni yo izotuburanira; ni nde atuganza?”
5Ariko Uhoraho avuze ati:“Kubera abakene banyazwe ivyabo n’abagorwa baniha,ngira mve hasi ndabakize ababasuzugura.”6Kandi amajambo y’Uhoraho ni ay’ukuri,nk’ifeza zavugutiwe mu ruganda,nk’inzahabu zavugutiwe incuro indwi.
7Ewe, Uhoraho, uzozigama umugorwa amahoro,kandi uzoturinda umunyakibi ibihe vyose.8Abantu nk’abo bigenza ahantu hoseiyo ikibi cahawe intebe mu bantu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e