Zaburi14

Yahawe umukuru w’abaririmvyi: ni Zaburi ya Dawidi.

1Igipfu cibwira mu mutima kiti:“Nta Mana iriho.”Abantu nk’abo barononekaye, ibikorwa vyabo biteye isoni,nta n’umwe muri bo akora ivyiza.
2Uhoraho arunguruka ari mw’ijuruakitegereza abana b’abantungo arabe ko hari n’umwe atahura,canke ko hari n’umwe arondera Imana.3Bose barazimiye, bose barononekaye;nta wukora ivyiza,eka nta n’umwe.
4Mbega abo bantu b’inkozi z’ikibi bose nta co bazi?Barya abantu banje nk’abarya umutsima;ntibigera bambaza Uhoraho.5Ariko aho nyene ni ho ubwoba bubafatiye,kuko Imana iri mw’ikoraniro ry’abagororotsi.6Mwebwe abakora ibibi mwica imigambi y’abakene,ariko Uhoraho ni ubuhungiro bwabo.
7Ese icompa agakiza ka Isirayeli kakaza kavuye i Siyoni!Aho Uhoraho azosubirira guhezagira abantu biwe;aba Yakobo baze banezerwe, Abisirayeli bahimbarwe!

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e