Zaburi11

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uhoraho ni we mpungirako.None ni kuki mwombwira muti:“Guruka uhungire ku musozi nk’inyoni kugira ngo ukire!2Kuko raba abanyakibi bafoye imiheto yabo;batumbereje imyampi yabongo barasire mu mwijimauwutunganye mu mutima.3Nimba amatanguriro asambuwe,mbega umugororotsi yokora iki?”
4Uhoraho ari mu Ngoro yiwe yera;Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami yo mw’ijuru.Araba abantu bose bari mw’isi;inyonga ziwe zirabagenzura.5Uhoraho agenzura abagororotsi,ariko abanyakibi, bamwe bakunda umuryano,abanka urunuka.6Abanyakibi azobacukumburirakoamakara arurumba n’amazuku yaka umuriro;umuyaga uturira ni wo uzoba umugabane wabo.
7Kuko Uhoraho agororotse,akunda ubutungane;abatunganye bazobona mu nyonga hiwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e