Zaburi110
Ni Zaburi ya Dawidi.
1Uhoraho yabariye umwami wanje ati:“Icara i buryo bwanjekugeza abansi bawe bosendabashize musi y’ibirenge vyawe.”2Uhoraho azokuza icumu ry’ubugabe ryawe rihambaye kuva i Siyoni, avuga ati:“Ganza hagati y’abansi bawe!”3Ingabo zawe zizoba zifise ugushakaku musi wawe w’intambara.Bashazishije ukwera,imisore yawe izoza aho uriimeze nk’ikime co mu gitondo ka kare.4Uhoraho ararahiye,kandi ntazohindura ico yavuze:“Uri umuherezi w’ibihe bidashira,mu buryo bwa Melekisedeki.”5Uhoraho ari i buryo bwawe;azomenagura abami ku musi w’uburake bwiwe.6Azocira urubanza amahanga, arundanye imivyimbaamenagure abatware bo kw’isi yose.7Azonywa ku mugezi w’iruhande y’inzira,uko ni ko azoraramura umutwe wiwe.Biblica, Inc.