Zaburi111

1Himbaza Uhoraho.Nzohimbaza Uhoraho n’umutima wanje wosendi mw’ikoraniro ry’abatunganye no mu bantu benshi.
2Ibikorwa vy’Uhoraho birahambaye;biserangurwa n’ababinezerererwa.3Ivyo akora birakayangana kandi bifise icubahiro,kandi ukugororoka kwiwe kwamaho ibihe bidashira.4Yatumye ibitangaza vyiwe vyibukwa;Uhoraho ni umunyabuntu kandi agira imbabazi.5Ategekanya ivyokurya ku bamwubaha;yibuka isezerano ryiwe ibihe vyose.
6Yeretse abantu biwe inkomezi z’ibikorwa vyiwe,mu kubegurira igihugu cari ic’ayandi mahanga.7Ibikorwa vy’intoke ziwe ni ivyo kwizigirwa kandi biratunganye;ivyo yihanikirije vyose ni ivyo kwizigirwa.8Bihora bihamye ibihe vyose,kandi bishinzwe mu kwizigirwa no mu gutungana.9Yateguye gucungurwa ku bantu biwe;yashizeho isezerano ryiwe ry’ibihe vyose;izina ryiwe ni iryera kandi riteye ubwoba.
10Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge;kandi abitondera ivyo yihanikirije bafise ugutahura gushitse.Uguhimbazwa kube ukwiwe ibihe vyose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e