Zaburi104

1Mutima wanje, himbaza Uhoraho.Uhoraho Mana yanje, urahambaye cane;wambaye icubahiro n’igitinyiro.
2Uhoraho yitwikiriza umuco nk’umutamana;yubaka amajuru nk’ihema3agashinga inkingi z’inzu ziwe zo hejuru ku mazi menshi.Ahindura ibicu umukogote wiweakagendera ku mababa y’umuyaga.4Ahindura imiyaga intumwa ziwe,abakozi biwe akabagira imbeya z’umuriro.
5Ashinga isi ku matanguriro yayo;kandi ntiyigera inyiganyizwa.6Wayitwikirije amadamba y’amazi nk’impuzu;amazi yarenze udutwe tw’imisozi.7Ariko uvuze gusa amazi arahunga,yumvise uguturagara kwawe yaciye ahunga;8yaduze imisozi,amanuka mu biyaya,aho wayashingiye kuba.9Wayashingiye akarimbi atarenga;ntazosubira kurengera isi.
10Atuma amasoko adudubiza amazi aja mu myonga;agatembera hagati y’imisozi.11Agaha amazi ibikoko vyose vyo mw’ishamba;indogoba z’inyeshamba zikimara inyota.12Inyoni zo mu kirere zubaka ivyari vyazo i ruhande y’amazi;ziririmbira mu mashami y’ibiti.13Avomerera imisozi ari mu nzu yiwe mw’ijuru;igihugu kigahazwa n’ibivuye mu bikorwa vyiwe.14Atuma ivyatsi bikura kubera amasho,n’ibiterwa birimwe n’abantu,kugira ngo isi bayikuremwo ivyokurya:15umuvinyu unezereza imitima y’abantu,amavuta atuma abantu bakayangana mu maso,n’umutsima ubaha inkomezi.16Ibiti vy’Uhoraho bivomererwa neza,amasederi y’i Libani, ayo yateye.17Raba inyoni uko zijisha ivyari vyazo;agasoza kironkera inzu yako mu tujwari.18Mu misozi miremire ni ho impene z’inyeshamba zibera;ibitandara ni ubuhungiro bw’inkezi.
19Yaremye ukwezi ngo kugene ibihe,n’izuba rirazi igihe rirengerako.20Uzana umwijima bukira,maze ibikoko vyo mw’ishamba bigaturuka.21Intambwe zikivuga zirondera ico zihigazikarondera indya zazo ziva ku Mana.22Izuba ryaseruka, zikigira,zikisubirira kubunda mu bibundo vyazo.23Maze abantu bagasohoka bakaja ku bikorwa vyabo,bagakora bakaruha gushika ku mugoroba.
24Uhoraho we, ese ingene ibikorwa vyawe ari vyinshi!Wabiremesheje ubwenge vyose;isi yuzuyemwo ivyaremwe vyawe.25Raba ikiyaga, ingene cagutse kikaba kinini,cuzuye ivyaremwe birenze urugero;ibiri n’ubuzima binini na bitoya.26Raba ubwato ingene buja hirya no hino,na Leviyatani, iyo waremye ngo ikiniremwo.
27Ivyaremwe vyose biguhanga amasongo ubigaburire ivyokurya vyavyo mu gihe cavyo.28Iyo ubigaburiye,biregeranya indya;iyo upfunduruye ikiganza cawe,bihazwa ivyiza.29Uhishije mu nyonga zawe,vyicwa n’ubwoba;ubikuyemwo umwuka wavyo,birapfa bigasubira mu mukungugu.30Iyo urungitse Mpwemu wawebiraremwa,ugasubiza isi kuba nshasha.
31Icubahiro c’Uhoraho kiragahoraho ibihe vyose;Uhoraho ahimbariwe ibikorwa vyiwe;32we araba isi, na yo igahinda agashitsi,akora ku misozi, igapfunduka umwotsi.33Nzoririmbira Uhoraho ubuzima bwanje bwose;nzoririmba ishimwe ry’Imana yanje imisi yose nzoba nkiriho.34Icompa ukurimbura kwanje kugahimbara Uhoraho,kuko nezererwa muri we.35Ariko abanyavyaha nibaherengetere kw’isi,abanyakibi ntibasubire kubaho.Himbaza Uhoraho, ewe mutima wanje.Himbaza Uhoraho.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e