Zaburi103
Ni iya Dawidi.
1Mutima wanje, himbaza Uhoraho;namwe bimbamwo mwese, nimuhimbaze izina ryiwe ryera.2Mutima wanje, himbaza Uhoraho,ntiwibagire ivyiza yagukoreye vyose;3ni we aharira ivyaha vyawe vyoseagakiza ingwara zawe zose,4ni we acungura ubugingo bwawe ngo ntibuje muri rwa rwoboakakwambika urukundo n’imbabazi nk’igitsibo,5ni we aguhaza ivyizakugira ngo ubusore bwawe bwiyubure nk’ubw’inkona.6Uhoraho agirira ivyo kugororokan’ivy’imanza zibereye abahahazwa bose.7Yamenyesheje Mose inzira ziwe,n’ibikorwa vyiwe kuri Isirayeli:8Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu,ateba kuraka, akagira urukundo rwinshi.9Ntazokwama yagiriza,kandi ntazokwama aratse ibihe vyose;10ntadukorera ibikwiranye n’ivyaha vyacucanke ngo atugerere ibihwanye n’ibigabitanyo vyacu.11Kuko nk’uko amajuru yitanguriye isi,ni ko urukundo agirira abamwubaha rungana;12nk’uko ubuseruko bwitanguriye uburengero,ni ko yashiburiye kure yacu ibigabitanyo vyacu.13Nk’uko se agirira abana ikigongwe,ni ko Uhoraho agirira ikigongwe abamwubaha;14kuko azi iremwa ryacu,yibuka ko turi umukungugu.15Ubugingo bw’abana b’abantu ni nk’ivyatsi gusa,bamera nk’amashurwe yo ku misozi;16umuyaga uyahuhako akaba agiye,aho yahora ntihabe hacibukwa.17Ariko uhereye ibihe vyose ukageza ibihe vyoseurukundo rw’Uhoraho ruri ku bamwubaha,kandi ukugororoka kwiwe kuri ku ruvyaro rw’abana babo;18ku bitondera isezerano ryiwebakibuka kwitondera ivyo yashinze.19Uhoraho yashinze intebe y’ubwami yiwe mw’ijuru,kandi ni umwami aganza vyose.20Nimuhimbaze Uhoraho, yemwe bamarayika biwe,yemwe banyenkomezi mukora ivyo ategetse,mwumvira ijambo ryiwe.21Nimuhimbaze Uhoraho, yemwe mwa nyenyeri zo kw’ijuru,yemwe basavyi biwe bakora ivyo agomba.22Nimuhimbaze Uhoraho, yemwe bikorwa vyiweaho muri hose mu bwami bwiwe.Mutima wanje, himbaza Uhoraho.Biblica, Inc.