Imigani5

Kwirinda ubusambanyi

1Mwana wanje, shira umutima ku majambo y’ubwenge nkwigisha,wumvirize neza amajambo yanje akwigisha ugutahura,2kugira ngo ushobore kumenya ikibereye,akanwa kawe kavuge ivy’ubwenge.3Kuko akanwa k’umugore w’umusambanyikazi gasosa nk’ubuki,amajambo yiwe anyerera gusumvya amavuta.4Ariko mu nyuma arura gusumvya ikintu cose kirura,agacumita kurusha inkota y’ubugi bubiri.5Ibirenge vyiwe bimanuka bija mu rupfu,kandi intambuko ziwe nta handi zijana atari mu mva.6Ntiyiyumvira ku nzira ijana mu buzima,inzira ziwe ziramuzimiza, ariko ntabibona.
7None rero, mwana wanje, ntega amatwi;ntiwirengagize ivyo ndakubwira.8Uze wigire kure uwo mugore,ntuze wegere n’umuryango w’inzu yiwe,9kugira ngo ntiwiyake icubahiro cawe ngo ugihe abandi,imyaka y’ubuzima bwawe ukayiha ruburakigongwe.10Abantu utazi ntibabe ari bo barya ubutunzi bwawe,ngo ivyo wabiriye akuya bitungishe inzu y’uwundi muntu.11Mu misi yawe ya nyuma uzoboroga,umubiri wawe umaze kuba akaheze.12Uzovuga uti: “Ese ingene nanse gutozwa indero!Ese ukuntu nirengagije ukugabishwa!13Vyangendeye gute ngo sinumvire abigisha banje,canke ngo ntege amatwi abarezi banje?14Ehe ngeze aho umwansi ashaka bidatevye,maramariye imbere y’ikoraniro ry’abantu.”
15Unywe amazi yo mw’iriba ryawe wiharije,amazi atemba ava mw’iriba ryawe.16Mbega amasoko yawe akwiye gutemba akuzura amabarabara,canke imigende yawe igatembera mu bibanza vy’amahuriro?17Nibibe ivyawe bwite,ntukabisangire n’abahita.18Isoko ryawe riragahezagirwa,nawe unezerererwe umugore wo mu buto bwawe.19Ameze nk’impongokazi iteye igomwe, nk’ingeregere ihimbaye.Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose,kandi wame ukwegwa n’urukundo rwiwe ibihe vyose.20Mwana wanje, ni igiki cotuma ukwegwa n’umusambanyikazi,ukagumbira igikiriza c’umugore w’icigenze?
21Kuko ingeso z’umuntu zigaragarira Uhoraho,ni we asuzuma inzira ziwe zose.22Ibikorwa bibi vy’umunyakibi ni vyo bimubera umutego,kandi imigozi y’ivyaha vyiwe ni yo imuboha.23Azokwicwa no kutamenya ingene yitwara,azimizwe n’ubujuju bwiwe bwinshi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e