Imigani4
Impanuro z’umuvyeyi
1Bana banje, nimutege amatwi inyigisho z’umuvyeyi;muzishireko umutima kugira ngo mugire ubwenge.2Ndiko ndabaha inyigisho nyazo;none rero ntimukanke inyigisho zanje.3Kuko nanje narabaye umwana kuri data,kandi narakundwa cane na mama nk’umwana w’ikinege.4Data yanyigishije ati: “Ushire amajambo yanje ku mutima,ugendere mu mabwirizwa yanje,ni ho uzobona kubaho.5Rondera ubwenge, rondera ugutahura;ntiwibagire amajambo yanje canke ngo uyavemwo.6Ntugahebe ubwenge kuko ni bwo buzokuzigama;ahubwo ubukunde kuko ni bwo buzokurinda.7Kugira ngo ube umunyabwenge, rondera ubwenge.Naho vyogusaba gutanga ivyawe vyose,bitange uronke ugutahura.8Niwabuha agaciro, na bwo buzokugira uwuhambaye.Bugumbire, na bwo buzoguhesha icubahiro.9Buzokwambika urugori rusharije ku mutwe,bukwerekane wambaye urugori rw’ubwiza.”10Ntega amatwi mwana wanje, wemere ivyo nkubwira,ni ho imyaka yo kubaho kwawe izokwongerekana.11Ndakwigisha inzira z’ubwenge,kandi ndakurongorera mu nzira zigororotse.12Mu gutambuka ntakizogutangira,kandi niwiruka ntuzotsitara.13Ucakire inyigisho zanje, ntuziveko.Uzizigame neza kuko ni zo buzima bwawe.14Ntuze utumbereze ibirenge vyawe mu nzira z’abanyakibi,canke ngo ugendere mu ngeso z’inkozi z’ikibi.15Irinde inzira yabo, ntuyicemwo,ahubwo hindukira ufate inzira yawe.16Kuko ntibashobora gusinzira badakoze ikibi;ntibaruhuka batagize uwo batsitaza.17Barya ivyokurya bivuye mu kibi,bakanywa umuvinyu w’umuryano.18Inzira y’abagororotsi ni nk’umuco wo mu mutwenzi,ugenda urushiriza gukayangana gushitsa ku murango.19Ariko inzira y’abanyakibi imeze nk’umwijima w’umuzitanya,ntibamenya n’ico batsitarako.20Mwana wanje, niwumve ivyo nkubwira,utege amatwi amajambo yanje.21Ntuze wigere uyibagira,uyazigame mu mutima,22kuko azanira ubuzima abayakira,akabaha amagara meza mu mubiri wabo wose.23Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.24Ushire kure yawe amajambo y’ubupfu,urinde akanwa kawe kuvuga amajambo mabi.25Wame uraba imbere yawe,amaso yawe uyahange ibiri imbere yawe.26Wiyumvire cane ku nzira ugiye gucamwo,utumbereze ibirenge vyawe mu nzira y’ukuri.27Ntukebereze i buryo canke i bubamfu,urinde ibirenge vyawe vyoye gukurikira ikibi.Biblica, Inc.