Imigani3
Ubwenge ni bwo butanga ukubaho neza
1Mwana wanje, ntuze wibagire ivyo nakwigishije,ahubwo uzigame amabwirizwa yanje mu mutima wawe.2Ivyo niwabikora, bizokwongera imyaka yo kubaho,kandi ubuzima bwawe buzororanirwa.3Urukundo n’ubwizigirwa bize vyamane nawe,uze uvyambare mw’izosi,uvyandike mu mutima wawe.4Ni ho uzogira ikiganza ciza n’izina ryizaimbere y’Imana n’abantu.5Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,ntiwishimire ugutahura kwawe.6Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,na we azogorora inzira zawe.7Ntiwishimire ubwenge bwawe,ahubwo wubahe Uhoraho kandi uve mu kibi.8Ivyo bizotuma umubiri wawe ugira amagara meza,bitume n’amagufa yawe yoroherwa.9Wubahishe Uhoraho ubutunzi bwawe,hamwe n’ivya mbere vyo mu vyeze mu mirima yawe.10Na we azosesekaza umwimbu mu bigega vyawe,amato yawe yame asesekaye umuvinyu.11Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho,kandi ntukanke ukugabisha kwiwe;12kuko Uhoraho agabisha abo akunda,kurya umuvyeyi abikorera umwana akunda.13Hahiriwe umuntu yironkeye ubwenge,akironkera ugutahura.14Kuko ubwenge busumvya agaciro ifeza,kandi ivyamwa vyabwo birusha agaciro inzahabu.15Ubwenge burusha agaciro akabuye kitwa imaragarita,kandi nta co kwipfuzwa na kimwe cogereranywa na bwo.16Kuramba kuri mu kuboko kwabwo kw’i buryo,mu kubamfu kwabwo na ho hari ubutunzi n’icubahiro.17Inzira zabwo ni inzira zinezereye,kandi ni iz’amahoro.18Ubwenge ni igiti c’ubugingo ku babugumbira,kandi ni umugisha ku babwumirako bose.19Ubwenge ni bwo Uhoraho yashingishije imfatiro z’isi,kandi ugutahura ni kwo yashirishijeho amajuru.20Kubera ubumenyi bwiwe, amasoko y’i kuzimu yaratobotse,ibicu na vyo bitonyanga imvura.21Mwana wanje, ntukareke ubwenge nyabwo n’ukurobanura,ngo bive imbere y’amaso yawe;22kuko ni vyo bizokubera ubuzima,bikubere ikirezi co gushariza mw’izosi.23Bizokuzigama mu nzira zawe,kandi ibirenge vyawe ntibizotsitara.24Niwaryama ntuzogira ico utinya;kandi niwasinzira, uzogira itiro riryoshe.25Ntugatinye ivyago bishitse giturumbuka,canke ukurandurwa gushikiye abanyakibi;26kuko Uhoraho ari we azokurinda,kandi azorinda ibirenge vyawe ngo ntibigwe mu mutego.27Mwana wanje, ntukareke kugirira neza ababikwiyemu gihe ufise ububasha bwo kubikora.28Ntukabwire umubanyi wawe uti:“Genda uzogaruka; nzoguha ejo,”kandi ufise ico womuha ubwo nyene.29Ntugategure kugirira nabi umubanyi wawe,uwo musanzwe mubanye mwumvikana.30Ntugatongane n’umuntu ata mpamvu,ata kibi yagukoreye.31Ntukipfuze kumera nk’abantu b’ibirandamuke,canke ngo wigane ingeso zabo na zimwe;32kuko abanyakibi ari ikizira k’Uhoraho,ariko abamwubaha abagira abakunzi biwe.33Umuvumo w’Uhoraho uri ku nzu y’umunyakibi,ariko ahezagira urugo rw’umugororotsi.34Uhoraho agaya abacokoranyi,ariko agirira ubuntu abaciye bugufi.35Umunyabwenge azoragwa icubahiro,ariko ibipfu bizokorwa n’isoni.Biblica, Inc.