Imigani2

Akamaro k’ubwenge

1Mwana wanje, niwakira amajambo yanje,ukazigama ivyo ndakwihanikiriza,2ugatega ugutwi amajambo y’ubwenge,ugashira umutima wawe ku gutahura,3ugahamagara ubwenge,ukaririra ugutahura,4ukabirondera nk’uwurondera ifezacanke ubutunzi buhishijwe,5ico gihe uzomenya kwubaha Uhoraho ico ari co,kandi uzogira ugutahura kuvuye ku Mana.6Kuko Uhoraho ni we atanga ubwenge,kandi mu kanwa kiwe ni ho hava ubumenyi n’ugutahura.7Ni we afise intsinzi y’abagororotsi mu bubiko bwiwe,kandi ni we nkinzo y’abagenda batunganye.8Ni we azigama inzira z’abagororotsi,agakingira abamwizigiye.
9Aho ni ho uzomenya ibigororotse, ibitunganye hamwe n’ibibereye,umenye n’inzira zibereye,10kuko ubwenge buzokwinjira mu mutima wawe,maze ubumenyi bube umunezero w’umushaha wawe.11Guhitamwo neza kuzoba umurinzi wawe,kandi ugutahura kuzokuzigama.
12Ubwenge buzokurinda kugendera mu nzira z’ababi,bukurinde n’abavuga amajambo y’ubupfu.13Abo bata inzira zigororotse,bakagendera mu nzira z’umwijima.14Bahimbarwa no gukora ikibi,bagahimbarirwa ubuhumane bwabo.15Iminyuro yabo iragoramanze,kandi inzira bajana zirabazimiza.
16Ubwenge buzokurinda umugore w’umusambanyikazi,bukurinde n’amajambo asosa y’umugore w’umunyangesombi,17yataye umugabo wo mu buto bwiweakava mw’isezerano yagize imbere y’Imana.18Kwinjira inzu yiwe bijana mu rupfu,ni inzira ijana i kuzimu mu mva.19Nta wuja iwe ngo agaruke,canke ngo yongere asubire mu nzira y’ubuzima.
20Ahubwo ugendere mu nzira y’abantu b’intungane,ugume mu nzira y’abagororotsi.21Kuko abagororotsi ni bo bazoba mu gihugukandi inyankamugayo ni zo zizokigumamwo.22Ariko abanyakibi bazogikurwamwo,abahemu na bo bakirandurwemwo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e