Imigani28
1Abanyakibi bahunga ata wubirukanye,ariko umugororotsi arinda nk’intare.2Iyo igihugu kigumutse kiganzwa na benshi,ariko umutware afise ubwenge abungabunga umutekano.3Umutware acinyiza aboroameze nk’imvura y’isegenya idasiga igiterwa inyuma.4Abataye ivyagezwe bashira hejuru abanyakibi,ariko abavyubaha barabagwanya.5Inkozi z’ibibi ntizitahura ibibereye,ariko abarondera Uhoraho batahura vyose.6Umukene agendera mu bugororotsiaruta umutunzi w’indyarya.7Umunyabwenge wese yumvira ivyagezwe,ariko uwugendana n’abakunzi b’inda atetereza se.8Uwigwiriza ubutunzi mu kwaka inyungu y’umurengera ku vyo aguranye umukene,abwegeraniriza uwundi azofasha aboro.9Uwanka kwumva ivyagezwe,amasengesho yiwe aba igisesema.10Uwuzimiza umugororotsi agaca mu nzira mbini we agwa mu mutego,ariko inyankamugayo izoragwa ivyiza.11Umutunzi yigira umunyabwenge mu vyiyumviro vyiwe;ariko umukene w’umunyabwenge aramuhinyura.12Iyo abagororotsi banesheje haba umunezero mwinshi,ariko iyo umunyakibi ashizwe hejuru,abantu bose barinyegeza.13Uwuhisha ivyaha vyiwe nta mahirwe agira,ariko uwuvyatura akabiheba agirirwa ubuntu.14Hahiriwe umuntu yama ahindira agashitsi imbere y’Uhoraho,ariko abakomantaza imitima bazogwa mu vyago.15Uko intare itontoma ihiga idubuni ko umutware mubi amerera abakene.16Umutware atagira ugutahura aracinyiza,uwanka amaronko mabi azorambira ku ngoma.17Uwubujijwe amahororo n’amaraso yashesheahungira mu mva;ntimuze mumutangire.18Inyankamugayo izorokorwa mu vyago,ariko uwugoramika inzira ziwe azogwa mu rwobo.19Uwurima itongo ryiwe azoronka umwimbu mwinshi,ariko uwirukira ibitagira ikimazi azohaga ubukene.20Umwizigirwa azokwuzuzwa imigisha,ariko uwihutira kuronka ubutunzi ntazobura guhanwa.21Kurenganya si vyiza;ariko hariho abarya igiturire c’umukate.22Uwipfuza ivy’abandi yihutira gutunga,kandi ntamenya ko ubukene bumurindiriye.23Uwuhanura mugenziwe azobimushimira,gusumvya uwumushigikira mu gahemo.24Uwusahura se na nyinaakibwira ati: “Nta co bitwaye,”ni umugenzi w’umuranduzi.25Uwipfuza ivy’abandi atera umuvurungano,ariko uwizigira Uhoraho aratera imbere.26Uwiyizigira ubwiwe ni igipfu,ariko uwugendana ubwenge asimba ivyago.27Uwugaburira aboro nta co azobura,ariko uwubiyobagiza azokwuzurako imivumo.28Iyo umunyakibi agiye ku butegetsi abantu barinyegeza,ariko iyo umunyakibi apfuye, abagororotsi baragwira.
Biblica, Inc.