Imigani27

1Ntukishimire ivy’ejo,kuko nta wumenya ivyo haramukana.
2Uzoshimwe n’uwundi, atari akanwa kawe;azobe uwo hanze, atari iminwa yawe.
3Ibuye riraremereye, kandi umusenyi ugira ibilo vyinshi,ariko ugusotora kw’igipfu kuremera gusumba ivyo vyompi.
4Ishavu ni umwicanyi, kandi uburake butwara nk’umukuba w’uruzi;ariko ni nde yohagarara imbere y’ishari?
5Gukeburirwa ahabonakuruta urukundo rwinyegeje.
6Umukunzi agukomeretsa aba ari uwo kwizigira,ariko ukugumbirana kw’umwansi ni agahemo gasa.
7Ku wuhimvye ubuki burabiha,ariko ku wushonje n’ibirura birasosa.
8Uwangarira kure y’i muhiraameze nk’inyoni iyererera kure y’icari.
9Ibimota neza binezera umutima,nayo ibinezero vy’umugenzibikava ku mutima umuhanura neza.
10Ntugahebe umugenzi wawe canke umugenzi w’umuryago wawe,kandi ntukaje ku ncuti yawe ku musi ivyago biguteye,kuko umubanyi wa hafi asumba incuti ya kure.
11Gira ubwenge, mwana wanje, maze uhimbare umutima wanje;ni ho nzoronka ico nishura abantuka.
12Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga,ariko igipfu gipfa kugenda, hanyuma kikisanga mu kaga.
13Twara impuzu y’uwishinze uwo atazi,ufate ingwati y’uwishinze abahita.
14Nihagira uwuzinduka guhezagira mugenziwe n’ijwi rirenga,ico kizomubera nk’umuvumo.
15Ivano riguma ritonyanga ku musi imvura yirijekoni nk’umugore atongana.16Kumutesha ni nko kugumya umuyaga,canke kugumya amavuta mu kiganza.
17Nk’uko icuma gikarisha ikindi cuma;ni ko umuntu akarishanya na mugenziwe.
18Uwututurira umusukoni azorya ivyamwa vyawo;kandi uwukingira shebuja azohabwa icubahiro.
19Nk’uko umuntu abona ishusho yiwe mu mazi;ni ko ubuzima bw’umuntu bwerekana umutima wiwe.20Uko Rupfu na Muranduzi batigera bahaga;ni ko n’amaso y’abantu ameze.
21Ifeza n’inzahabu bitunganywa n’umuriro,ariko umuntu asuzumwa n’ugushimagizwa.
22Naho wosekura igipfu mw’isekuro,ukakinoza nk’uwusekuza ingano umuhini,ntiwogikuramwo ubupfu bwaco.
23Gira umwete wo kumenya ibitungwa vyawe ingene vyifashe;umenye neza amasho yawe ingene ameze24kuko ubutunzi ntibwamaho,nk’uko urugori rutamaho uko urunganwe rugenda rukurikirana.25Ubwatsi bumaze gutemwa haza ubundi,ubwo ku misozi bukegeranywa,26imyagazi yawe izokwambika,kandi impene zawe zizokugurira itongo.27Uzokamira umuryango wawe amata y’impene akwiye,agutungire incoreke zawe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e